Rwa rwaruka rwemerewe kwinjira mu rwego rw’ababashingwamanza

Ni urwaruka rwize igisata c’ubucamanza mu ndinganizo nshasha ya BMD. Abo ba Bacheliers bakaba baraye bemerewe ko nabo baja nabo mu mugwi w’abashingwamanza nk’uko bari babisavye. Mu kiganiro bahaye abamenyeshamakuru kuri uyu wa mbere, Jean Paul Nshimirimana aserukira imbere y’amategeko ishirahamwe AVSPDD akaba yamenyesheje ko bashimiye uwurongoye sentare isubiramwo imanza ya Bujumbura ku ngingo yafashe yo kubarenganura kw’ikumirwa bariko baragirirwa ngo ni uko bize mu ndinganizo nshasha.

Barashimira kandi abo mu nzego z’abashingwamanza ba Bujumbura na Gitega batahigimanze kuri iyi ngingo yafashwe na Sentare. Iryo shirahamwe ry’urwaruka riharanira ubutungane kuri bose rikaba rivuga ko rizokora uko rishoboye kugira ngo abarundi bose bamenye amategeko kandi bashikirwe n’ubutungane.

Urwo rwaruka rukaba rwari rumaze imyaka indwi ruharanira uburenganzira bwabo nk’uko vyamenyeshejwe muri ico kiganiro.Ubu, urwo rwaruka rwize mu ndinganizo nshasha ya Kaminuza rukaba rugiye gukora uwo mwuga w’abashingwamanza nk’abandi bize mu ndinganizo ya kera, bafise Licence.