Bujumbura: abajejwe intwaro batse imiriyoni 10 umunyagihugu kugira ngo yubake mw’itongo ryiwe

Haraciye imisi havugwa cane ibikorwa vyo kwubaka vyahagaritswe ku mutumba Bigwa. Ni muri zone Gasekebuye, mu gice ca komine Kanyosha mu ntara ya Bujumbura. Ivyo bikorwa vyarahagaritswe. Abategetsi nk’uwujejwe gukinga ibiza n’isibe, umushikiranganji ajejwe inyubako hamwe n’umukuru w’igisagara ca Bujumbura barashitse aho hantu, batatswe na musitanteri wa komine Muha (igisagara ca Bujumbura). None ni igiki coba cinyegeje inyuma y’ivyo bintu? Inyuma yo kwerekana ubuhinga hazokwubakwako, abajejwe intwaro muri komine Mukaza (kuva ku mukuru w’agacimbiri) baciye bamutegeka ko abaha imiriyoni cumi z’Amarundi kugira ngo abandanye yubaka. Uwo yaranse gutanga ayo mahera ata nsiguro afise. Ni kwo gitangura kumwirukako. Ibikorwa vyose biriko birakorwa vyo kumuburabuza biriko biba kubera yanse gutanga ayo mahera. Icatangaje bose, ni uko ikibazo kiri mu minwe y’ibiro vy’umukuru w’igihugu ariko barahatewe ibiti, birarandurwa babeshera nyene itongo ko ari we yabiranduye, … Ng’iki icinyegeje inyuma ya vyose

Iryo tongo riri ku mutumba Bigwa, mu gace bita Mubere, iruhande y’ahahoze hitwa Ku masase.
Ni mu gice ca Zone Ruyaga mu ntara ya Bujumbura.
Ibikorwa vyo gutunganya iryo tongo vyarahagaritswe na musitanteri wa komine Muha (muri Mairie ya Bujumbura). Asigura ko uwo muntu ariko yiyitirira itongo ritari iryiwe ari irya Reta. Uwo nyene itongo asigura ko yitwaye muri sentare kandi yatsinze nk’uko impapuro za sentare zivyerekana. Sentare yaranamushikirije iryo tongo.

Mu nama yakoresheje ba musitanteri na ba buramatari, umushikiranganji w’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano, mu mwaka uheze, yarasavye ko ata wujejwe intwaro yovuguruza sentare. Ati, “igihugu yoca iba Chaos“.

Icinyegeje inyuma ya vyose

Aimé Emmanuel NIBIGIRA yemeza ko bamwe mu bajejwe intwaro muri komine Muha (Haradomwako urutoke Musitanteri na Chef de quartier Gasekebuye) bamwatse amafaranga angana imiriyoni cumi kugira ngo abandanye kwubaka. Uwo batumye aravyiyemerera kuko n’ubutumwa bugufi vyaciyemwo bandikiranira na Emmanuel burahari. Aimé Emmanuel Nibigira avuga ko atemeye gutanga ayo mafaranga kuko, ku bwiwe, ata co yari aciyeko.

Ukwanka gutanga ayo mafaranga ni kwo kwatumye uwu mwenegihugu aburagizwa, ibikorwa yariko arakora birahagarara. Ku kijanye n’ayo mahera yatswe, umukuru wa karitye Gasekebuye Viviane Kigeme ntabihakana kandi ntavyemera. Asigura ko vyobazwa abamukurira. Musitanteri wa Muha, Dévote Ndayisenga, avuga ko ibiriko birabera aho ubu atavyo azi.

Aimé Emmanuel Nibigira aranavuga ko ubu atanguye kurementanirizwa.
Ku wa 13 nzero, ico kibanza kiri ku mutumba wa Bigwa caratewemwo ibiti. Kuwa gatandatu uheze, hari abaje kubirandura. Umukuru wa karitye yagiriza Aimé Emmanuel Nibigira n’abakozi biwe ko ari bo babiranduye. Ariko agahakana ko ata n’umwe bafatanywe itonga. N’aho biri ukwo, bamwe mu bari mu bikorwa vyo kurandura ivyo biti (baranaboneka ku masanamu) baremeza ko bahawe itegeko n’uwo arongoye karitye.

Ikibazo c’aho hantu kiri mu biro vy’umukuru w’igihugu. Umwe mu baserukira ivyo biro akaba yari yategetse (kuwa 13 nzero) ko ata kintu cosubira kurangurirwaho imbere y’uko ingingo isohoka.

Tubajije umukuru wa karitye Gasekebuye impamvu batorindira ingingo ifatwa n’ibiro vy’umukuru w’igihugu bifise mu minwe ikibazo, yatubwiye ati “tugomba ko abanyagihugu bakingirwa ntitworindira iyo ngingo y’umukuru w’igihugu”.
Mu gihe ico gice kiri muri komine #Kanyosha, tubajije impamvu musitanteri wa komine Muha impamvu aja gufata ingingo mu yindi komine, we avuga ko “haba muri Muha canke muri Kanyosha, tugomba ko abanyagihugu bakingirwa“.

Ivyo bikaba binegurwa na bamwe mu bajejwe intwaro muri zone Ruyaga. Abo bari muri komine Kanyosha, mu ntara ya Bujumbura. Bavuga ko uwo musitanteri wo muri komine Muha (mairie ya Bujumbura) ariko arabavogera.