Bujumbura: bahaye agaciro Tofe na yo iriko ibaha agaciro

Ni urwaruka ruhurikiye mu murwi witwa Societé Lumière pour le Développement. Bavuga ko bagomvye guteza imbere icitwa igifungurwa citwa Tofe.

Basigura kandi ko mu vyatumye bakora “itofe” ari cane cane ubuke bw’inyama mbere buganisha no k’ukubura burundu kubera indwara ziriko ziratera ibitungwa. Ico ngo catumye urwo rwaruka rwiyumvira gukora igishobora gusubirira inyama z’ibitungwa.

Aba bakora izi TOFE barazitekera neza, imbere yo kuzishira kw’isoko. Umwe mu bakora ibi bikorwa ati twagomvye kuziha agaciro.
Agira ati “twiyumviriye kuzishira muma amballages kugira tuzihe agaciro kuko benshi banka kuzifungura kubera uburyo zikozwemwo, n’ukuntu zidandazwa. Twipfuje kuziha agaciro kugira ngo zize zirashoka no muma alimentation atandukanye agize igihugu cacu“.

Urwo rwaruka rukorera hafi y’isoko ya Kinama. Ni muri zone Kinama, komine Ntahangwa, mu gisagara ca Bujumbura.

Itofe bakora ngo ni ingaburo nziza. Aha, bagafatira ku bikoresho nikoreshwa mu kuyikora:

Hambavu y’isoya yitwa umwami w’ibiterwa, turazishiramwo ibirungo ngira kamaro nk’ibitunguru, poivrons, ikaroti, romalins, tunguru sumu, hamwe n’umunyu. Ivyo vyose bikaba ari ingaburo zifasha umubiri kumererwa neza kandi zikawukingira n’indwara zitandukanye“, nk’uko urwo rwaruka rubandanya rubishikiriza.

Iyi Tofe imaze imisi ikoreshwa no mu bunywero butandukanye mu gusubirira inyama.
Abahinga basigura ko uwuyihereje, aba asa n’uwufunguye inyama ijana kw’ijana uretse ko ata ngaruka ifise ku magara y’abantu nk’inyama z’ibitungwa.

Ishusho: Tofe itekeye neza

Iyo Tofe bayise BUZIMA MEAT. Abakora amamanza ,
abakora muma hôtel n’abene gihugu bahora bihereza inyama, barashobora kugura canke gutuma uru rwaruka.
Ibi babivuga bafatiye aho bageze. Basigura ko mu ntango basohora ibiro 100 vy’ubuyi n’amapake 20 ya tofe. Hari mu kwezi kwa mbere 2022. Ubu bakaba bageze aho basohora itoni zibiri z’ubuyi hamwe n’ipaquet zirenga 200 za tofe kukwezi.

Baranatera intege urundi rwaruka. Kubw’uru rwaruka rwo mu Kinama, bitangura bukebuke. Ariko, iyo umuntu akuye amaboko mu mpuzu, biragenda neza.