Mu gihe haheruka gukorwa rusasuma rw’amapikipiki adaca amafaranga, amakinga y’ikarashishi kugira ngo yandikwe mu gisagara ca Bujumbura, umushikiranganji avuga ko ivyavuye muri urwo rusasuma birimwo amahinyu.
Amapikipiki 1813, amakingz 13711 hamwe n’amapikipiki yitwa #JehoKuki 5874 ni vyo vyuma vyanditswe muri urwo rusasuma.
Umushikiranganji ajejwe umutekano akaba yaciye afata ingingo yo gucisha umurongo muri ivyo biharuro kuko ngo birimwo amahinyu kubera ubwishi bwavyo.
Amakuru atangwa na bamwe mu ba nyagisagara ca Bujumbura, avuga ko kubera bisigaye bigoye kwiyunguruza, vyabaye ngombwa ko abahora bacisha amafaranga amapikipiki babiheba, bazandikisha mu zidaca amahera kugira ngo zizobafashe gutonda ku buzi butandukanye. Hari n’abavuye mu zindi ntara cane cane zegereye igisagara ca Bujumbura bandikishije ivyuma vyabo, kuko barangurira imirimo yabo hagati mu gisagara.
Mu kiganiro n’abamenyeshamakuru ku musi wa kabiri, umukuru w’igihugu Evariste Ndayishimiye yamenyesheje ko “Abarundi basize Reta mu migambi bakora, bituma haba akajagari”, ariko ko ibijanye n’amapikipiki, amakinga na bajaje bizotorerwa umuti bukebuke biciye mu biganiro.
Ati “twagomvye kubanza kwigiza inyuma bose bave hagati mu gisagara, kugira ngo dutore umuti”.
Kubava kure y’igisagara bitorohera gushika aho bafata bisi, umukuru w’igihugu yamenyesheje ko umugwi ubijejwe uzovyiga.
Inyuma y’ingingo yo kubuza amapikipiki, amakinga na Bajaje gushika mu bice bimwe bimwe vy’igisagara ca Bujumbura, abari bafise ivyo vyuma bamwe bamwe babiduganye mu ntara zo hagati mu gihugu. Imiryango yari itunzwe n’ivyo vyuma, iyari yarafashe amadeni ikaba ivuga ko yaciye yinjira mu bibazo bikomeye.