Burundi: abize amategeko mu ndinganizo nshasha batanguye kwakirwa mu rwego rw’abashingwamanza

Inyuma y’imyaka indwi banyinyurarana, abize amategeko mu ndinganizo nshasha ya kaminuza bahavuye bemererwa kurahira. Kuri uwu wa 22 gitugutu, ni ho uwa mbere yakirwa muri urwo rwego. Hari mu gisagara ca Bujumbura. Mu rwego rw’abashingwamanza bari banse kwakira urwo rwaruka. Mw’ishirahamwe barimwo bavuga ko bariko baharanira uburenganzira bwabo.

Astère Izoduserukira, yarahiriye kwinjira mu rwego rw’abashingwamanza. Hari kuri uwu wa gatanu, mu gisagara ca Bujumbura . Uwo muyabaga ni umwe mu bari bamaze imyaka indwi basaba uburenganzira bwo kwinjira muri urwo rwego, ariko bakabwirwa ko bidashoboka. Imvo, ni uko bize igisata c’amategeko mu ndinganizo nshasha ya kaminuza (BMD).

Jean de Dieu Muhuzenge yari yarahiye ararengwa ko batazokwakirwa

Uwo arongoye urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura, yari yashikirije ko urwo rwaruka amategeko atarwemerera kuja muri ayo mabanga. Kuba bize mu ndinganizo nshasha, ngo amategeko y’urwo rwego ntavyemera.

Mw’ishirahamwe AVSPDD (rihurikiyemwo abize amategeko mu ndinganizo nshasha) baciye bamugabisha.

Jean Paul Nshimirimana aserukira imbere y’amategeko iryo shirahamwe yaciye aha indwi zibiri uwo arongoye urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura kugira ngo ategure ukurahira kw’abari bamaze gutanga ama dosiye yabo. Ni muri ico kiringo hakoranye inama yo gitegura uwo musi nk’uko amakuru ava muri iryo shirahamwe abivuga.

Muri  AVSPDD barashima. Ariko, hari ivyo basaba  rw’Abashingwamanza rw’i Gitega n’urw’i Bujumbura:

1. Kugirako batunganya ibijanye no kurahira kumadosye asanzwe y’aratanzwe n’abize amategeko mu ndinganizo nshasha;

2. Kubandanya bakira izindi dosye z’abize muri ubwo buryo

3. Ko boza baranyarutsa igikorwa c’ababitura

AVSPDD isaba n’urundi rwaruka ruvyipfuza kubandanya rutanga dosye zarwo, abarahiye nabo bagendere akarangamutima k’umwuga, maze Abarundi bazire akarenganyo.

Photo: Astère izoduserukira (bachellier)