Burundi: Indero y’umwana kw’ishure ni uruhara rw’umuntu wese.

Ivyo ni ivyashikirijwe kirizwa mu kiganiro catunganijwe n’ishirahamwe PIKADE (Pioniers de Kanyaru pour le Développement) ku muhingamo w’uyu wa Mungu mw’ihoteri Martha I Bujumbura. Muri ico kiganiro, abacitabiriye barerekanye ko hakiriho ingorane zituma abana basiba ishure canke bagaheba amashure. Kubwabo rero, uruhara rw’umwe wese ngo ni ntangere mu ndero y’umwana kw’ishure.

Abitavye ico kiganiro

Bimwe mu bituma abana baheba amashure

SAKE Mathieu wo mw’ishirahamwe riharanira agateka k’abana ACPDH amenyesha ko ingorane zituma abana baheba amashure cane ahanin biva ku bukene mu miryango. Agaruka kandi ku gukumira abana b’abakobwa, kubarungika gukora udukorwa two muhira, gutangishwa amahera n’ibindi. Ivyo vyose ngo biratuma umwana atonda kw’ishure gake cane canke akaguma yirukanwa, agasiba canke agaheba amashure.

Indero y’umwana, uruhara rwa bose.  

Kubera izo ngorane zose, Sake Mathieu aharanira agateka k’abana, agasigura ko indero y’umwana w’umurundi ari uruhara rwa bose. “Ni ukuvuga Umuvyeyi, umurezi, abajejwe intwaro eka n’abafata ingingo ku rwego rw’igihugu. Ni ukuvuga yuko hari ibintu vyinshi Reta ifatanije n’abavyeyi, abarezi n’abajejwe intwaro bakwiye gukora kugirango umwana agume kw’ishure ntihagire ikimuciramwo gushika arangije ishure shingiro ndetse arangize n’inyigisho za Kaminuza.”

Ndayigendako Obed arongoye ishirahamwe PIKADE we avuga ko hari abavyeyi baca intege abana. “Ngo amashure ni aya ba naka, ba naka nibo bize weho uriko urabakurikira”. Akamenyesha ko buri mwana wese afise uburenganzira bwo kuja kw’ishure hatarabwe iki canke kiriya, kandi hatarabwe igitsina ngo bavuge ngo nta mashure y’abakobwa kuko bose imbere y’amategeko bangana kandi bose bafise uburenganzira bwo kwiga.

Sake Mathieu asaba umwe wese aho aherereye guterera ico ashoboye, Reta nayo igashiramwo inguvu mu gushiraho imigambi minini minini yo gushigikira abo bana kugira babandanye baguma kw’ishure.