Bururi: ishirahamwe 3 C ryatanguye kugwiza igiti citwa umuhumure

Ico giti citwa iduga, umuremvya, canke umuhumure bivanye n’intara. Ariko izina ryaco ry’igifundi ni Maespsis Eminii.

Ibikorwa vyo kigwiza ico giti vyakorewe mu kigwati c’imiryango y’abatwa iri ku gacimbiri Honga, umutumba Kiganda, zone Gasanda muri ntara ya Bururi (mu bumanuko bw’Uburundi).

Léonidas Nzigiyimpa arongoye 3 C ( Conservation et Communauté de Changement ), asigura ko ico giti kigwirijwe kuri uwo mutumba kugira ngo wambikwe. Nkako, usanzwe uhanamye. Ico giti ngo kizofasha kandi iyo miryango y’abatwa co kimwe n’abo mu micungararo y’aho.

Col. Léonidas Bandenzamaso Buramatari w’intara ya Bururi yashimye ico gikorwa akaba yasavye abo banyagihugu kuzobungabunga ivyo biti.

Aravye umuyaga uri kuri uwo mutumba, uwuwurongoye yamenyesheje ko ivyo biti bizobungabungwa. Ni co kimwe n’abo muri iyo miryango y’abatwa iba aho kuri uwo mutumba.

Igiti gifise akabirya

“Ico giti ni igiti kama, gishobora kuba mu biyaya, mu misozi, no mu kumoso. Gitandukanye n’imikaratusi kuko co kitaribwa n’imiswa”, nk’uko bimenyeshwa na Léonidas Nzigiyimpa. Uwo muhinga mu vyo gukingira ibidukikije asigura ko ico giti kibana n’indimo, iyo gikuze kikavamwo imbaho nziza kandi zizimvye. Akabona ko hampande yo gukinga imiyaga, ico giti kizoba ngirakamaro kuri iyo miryango irenga mirongo ibiri, yo mu kigwati c’abatwa. Imivyaro irenga ibihumbi ni yo itegekanijwe kuzorwirizwa kuri uwo mutumba.

Ico gikorwa catunganijwe n’ishirahamwe ryishinze gukingira ibidukikije rifadikanije n’abanyagihugu bipfuza ko ibintu bihinduka mu buryo bwiza (3C), rifadikanije n’ishirahamwe ry’abamenyeshamakuru b’Abarundi bakorera mu gisata c’ibidukikije. Abakora mu biro vy’intara ya Bururi, abarangura ibikorwa bitandukanye aho muri iyo ntara bakaba bifadikanije n’abandi muri ico gikorwa.