IMAMFU YARONKEJWE AHO IBA MURI MUSEE VIVANT

Iyo mamfu izwi kw’izina rya Flora. Yaronkejwe inzu yagutse izobamwo kuri uyu wa 22 Rusama 2021.Iyo nyubakwa ikaba yubatswe na BGR (Burundi Greening Rangers) rifadikanije na Conservation et Communauté de Changement – 3C . Make Irakoze, icegera c’uwurongoye #BGR akaba asigurako biyumviriye gukora ico gikorwa kugira ngo iyo mamfu ibe ahantu heza kandi hagutse.

Niyomwungere Bénigne yaserukiye 3C yamenyesheje ko hazonigishwa abaganga b’ivyo bikoko kugira ngo amagara yavyo yitabweho.Ico gikorwa cahuriranye n’umusi mpuzamakungu wahariwe ibinyabuzima uhimbazwa kuwa 22 rusama uko umwaka utashe. Uwu mwaka, icovugo kikaba cari ” Tugiye hamwe birashoboka ko dutora umuti”.Abaraba ibinyabuzima muri Musée vivant bakaba bashima ico gikorwa.