Covid-19: “n’abicandagishije barandura canke bagapfa”

Alain-Guillaume Bunyoni, umushikiranganji wa mbere yabishikirije kuri uwu w’Imana. Hari muri komine #MpingaKayove, mu ntara ya Rutana. Avuga ko n’abiteje urwo rucanco bagwara uwo mugera wa koronavirusi mbere bamwe muri bo bigashika bagapfa.

Yarongeye ati : “Hari ababivugira mu ntamatama canke bagatinya kubibwira abenegihugu. Ariko murakwiye kumenya ukuri.”

Alain-Guillaume Bunyoni yabandanije amenyesha ko izo ncanco zitandukanye zakozwe gihutihuti n’abahinga batandukanye gurtyo ngo bakaba bataronse umwanya ukwiye wo kwiga neza ingaruka zarwo. Ngo rero ntawokwizera izo ncanco mu gihe na banyene kuzitanga babanza kugusaba ngo wiyemeze ko ibizokurikira vyose uzokwimenya, ataco uzobabaza.

Umushikiranganji wa mbere agatera akamo Abarundi kubandanya bakurikiza umugambi wa Reta y’Uburundi wo kugwanya ico kiza

Ukwiteza urwo rucanco rero nta gahato kajamwo, uwurukeneye aragenda bakarumuha hanyuma akiyemeza ingaruka mbi zose zizomushikira zitewe n’urwo rucanco.

Abambere bakaba bamaze gutangura kuziteza kuri uwu wa mbere mu gisagara ca Bujumbura