Dukoreshe ubuhinga ngurukanabumenyi mu kwiga kwitaho abagendana ubumuga

Ayo majambo yavuzwe na Angeline Ndayishimiye, umutambukanyi w’Umukuru w’igihugu kuri uyu wa 17 ntwarante 2023 mu kigo Isange co muri karitiye Gisyo zone Kanyosha. Ico kigo kikaba citaho abana bagendana ubumuga butandukanye.

. Ico kigo kikaba cegukira umuryango  w’ababikira  witwa : Abigeme b’umugabekazi w’ikigongwe
kikaba kirimwo abana 26 .

Mw’ijambo ryiwe, Umutamukanyi w’umukuru w’igihugu Angéline Ndayishimiye akaba yamenyesheje ko bazanywe n’urukundo  rwamye ruranga abakenyezi nacane cane mu kwigina umunsi mukuru mpuzamakungu wahariwe abakenyezi. Akaba yabanje kwibutsa icivugo c’uno mwaka ko kivuga kiti : Uruhara rw’indongozi mw’iterambere ry’ubuhinga ngurukanabumenyi  ridakumira  . Yagize ati: “ Natwe twisunze ico civugo twasanze ata terambere ribaho atarukundo ruhari. Rero nk’abakenyezi bakorera mu biro vy’umukuru w’igihugu,  twaragiye hamwe turiyumvira tuti, ntitwosayangana twigina uwo munsi mukuru wahariwe iterambere ry ’umukenyezi gusa tutibutse navya bibondo hamwe n’abarezi babokugira tubereke urukundo tubafitiye. Unomunsi rero twazanywe no gushigikira bino bibondo biri ngaha no gushigikira abarezi ba bino bibondo kugira tubereke ko atari bonyene,  tubatere intege mu mirimo ya minsi yose bama bakora bakorera bino bibondo kandi bakorera n’igihugu cacu».

Nk’uko  icivugo c’uno mwaka ari « Uruhara rw’indongozi mw’iterambere ry’ubuhinga ngurukanabumenyi  ridakumira », Angéline Ndayishimiye akaba yaratanze impanuro kubarongoye ico kigo.  «  Twashaka tubwire abareze bano bana ndetsen’abandi bari ngaha ko twogerageza tugakurikiza buno buhinga ngurukanabumenyi mu kwiga  icotuma abana bene aba babaho neza.  Mu kwiga igituma mwene abo bana babaho. Eka noneho  nk’abantu bazi Imana,  Imana niyo irema umuntu igaca imuha n’ubwenge ndetse n’ubumenyi . Rero ubwo buhinga ngurukanabumenyi tubukoreshe mukumenya  iyo umuntu avyaye umwana ameze uku  amurera gute ? amugaburira gute ? amukinisha gute ? amutwengesha gute ? kuko nabo nyene ni ibiremwa. Twige ingene dushobora kunezerwa turikumwe n’abo bana nabone tukabanezereza kuko ni abana nk’abandi » , Niko Angéline Ndayishimiye avuga.

Yongera ko ati « Mwiyumvire igituma abakenyezi bakorera mubiro vy’umukuru w’Igihugu twaje hano. Twazanywe n’urukundo.  Ntimurabe ivyo twazanye kuko naho twozana ibIngana gute atarukundo ruhari, ntaco vyoba bimaze. » 

Abavyeyi nabo  bavyara abana bagendana ubumuga ntiyibagiye kubaha impanuro :  « Sinogenda ntateye akamo  abavyeyi nabo bavyara bene aba bana bagendana ubumuga. Hariho abavyeyi babata, hariho ababanyegeza munzu, ukamengo si abantu nk’abandi. Batabanyegeje munzu naho iyo bataronse ikigo kibakira bagaca bahenurana n’akagazuzo. Abo bana ni biwanyu, nimwe mwabavyaye  bereke urukundo babone ko bafise abavyeyi b’amaraso kuko ni abana nk’abandi » 

Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu agasaba barundi  gukorera Imana bataravye nkunzi canke incuti cane  cane mu kwitaho abagendana ubumuga  ba ntaho nikora, impfuvyi n’abapfakazi . Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu akaba yaciye yemera  kurihira ibitaro abarwayi bari barabuze amahera yo kuriha ibitaro vyegukira ico kigo.

Abo bakenyezi bakorera mubiro vy’umukuru w’igihugu  bakaba bari baje bitwaje n’agakemanyi kagizwe n’impuzu, ibifungurwa, amasabune, ibinyobwa bigizwe n’imitobe n’ibindi.