Kwubaka inyubakwa nziza izokorerwamwo ubucuruzi ariyo bita « galerie » ni co gikorwa cari catunganijwe na Koperative Gisyo iwacu tubabarane kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 5 Ruheshi 2021. Hari muri karitiye Gisyo, zone Kanyosha, komine Muha mu gisagara ca Bujumbura, Iyo koperative ikaba iriko irubaka aho hantu ifadikanije n’umurwiza tunga yitwa Emmanuel ari nawe yatanze ico
Kwubaka inyubakwa nziza izokorerwamwo ubucuruzi ariyo bita « galerie » ni co gikorwa cari catunganijwe na Koperative Gisyo iwacu tubabarane kuri uyu wa gatandatu igenekerezo rya 5 Ruheshi 2021. Hari muri karitiye Gisyo, zone Kanyosha, komine Muha mu gisagara ca Bujumbura, Iyo koperative ikaba iriko irubaka aho hantu ifadikanije n’umurwiza tunga yitwa Emmanuel ari nawe yatanze ico kibanza. Iyo galerie kazofasha cane abanywanyi b’iyo koperative kwiteza imbere.
Mpitabavuma Audifax arongoye iyo koperative avuga ko icatumye biyumvira gukora ico gikorwa bitavye akamo ka Reta aho ihimiriza abantu bose kuja hamwe mu bikorwa vyo kwiteza imbere. Arico gituma baciye baja hamwe barayitanguza uyu munsi ikaba imaze imyaka ine ikora, ikaba irimwo abanywanyi bashika ijana na mirongo irindwi (170). Inyuma y’amezi ane batanguye ico gikorwa akizera ko mu minsi ya vuba bazoba bahejeje.
Audifax asaba abajejwe intwaro ko bobafasha mu kubaha impusha zibemerera gutangura gukorera muri ico kibanza kuko baza baranditse amakete babisaba. Akamenyesha ko bizofasha na Reta kuhatorera akoyokwe mu makori azohava.
Audifax aratera akamo ayandi makoperative cane cane yo mu gisagara. Abasaba nabo kubarabirako akarorero maze bagatangura gukora ibikorwa nk’ivyo aho babaye mu ma karitiye yabo.
« Hariho abantu bazi ko hagati mu gisagara ca Bujumbura ariho honyene ho gukorera ibikorwa vy ‘iratiro gusa. No mu makaritiye aho babaye, ibikorwa vyiterambere birashoboka. Ni vyiza ko ibikorwa nk’ivyo bikorerwa no mu makaritiye yose kuko nahonyene hakenewe gusa neza. »
Inyungu kuri koperative.
Audifax avuga ko inyungu ari nini cane. Bizotuma abanywanyi biyungunganya mu budandaji maze imiryango ihatorere akoyokwe. Avuga ko bazohadandariza impuzu, ibirato, eka ivya nkenerwa bitobito abanyagihugu bo mu kibano bakenera.
Emmanuel Manirakiza, asanzwe ari umurwizatunga wo ngaho mu Gisyo. Asanzwe afise ishirahamwe rirangura umuceri mu gihugu ca Tanzaniya akaba ari nawe nyene ico kibanza kiriko kirubakwamwo iyo galerie. Avuga ko amaze kumva ivyipfuzo vya koperative yuko bipfuza aho bakorera hameze neza nawe atahigimanze kubafasha. Avuga ko yashimye kwifatanya nabo kugira ngo bashigikire umugambi wa Reta uvuga ko umufuko wose uronka amafaranga, umunwa wose uronke ico ufungura. Ikindi ni uko yashatse ko yifatanya n’abandi mu kwubaka ikintu ciza giha isura nziza karitiye yabo.
Emmanuel avuga ko ico yashize imbere atari akarusho kuriwe bwite. Avuga ko icambere yipfuza ari uko ababanyi nabo batera imbere.
“ Ababanyi bateye imbere nanje mba nteye imbere. Basubiye inyuma nanje ni uko. Ni batera imbere nanje nzoba nteye imbere eka n’igihugu kizotera imbere gusumba.»
Akamo ku bandi barwizatunga
Emmanuel atera akamo abandi barwizatunga gukora nkawe. Asaba abandi boba bafise ikindi boterera ko boza bagashigikira mu bindi bikenerwa. Amenyesha ko abanywanyi bagikeneye ababongereza imitahe. Abovyipfuza boshigikira muri ubwo buryo.
Abandi barwizatunga mu bundi burere bokora gutyo bagafasha ababanyi babo mu gukorera igihugu. “Amahera akora kwisi. Niyo twayarondera twenyene tugatera imbere twenyene abandi badateye imbere nibo bazogaruka bakaturwanya kuko amahera yagiye mu mifuko yacu gusa.”
Jovith Ntiranyibagira ni inararibonye muri koperative. Avuga ko koperative ibafitiye akamaro kanini cane. Inyuma y’uko aho bakorera Reta yabategetse kuhava, ubu bakaba batari bafise aho bakorera, avuga ko ico kibanza kizobafasha gusubira kwiteza imbere.
“Tutanezerewe cane. Naho ubona ngana gutya, ntibinezera ko nguma muhira. Ahubwo twosaba ko ibikorwa vyorangira vuba tugasubira gukorera muri koperative yacu.”
Yovita asaba ko Reta yobashigikira mu kubongereza imitahe kuko iyo bafise idashemeye. Asaba n’abandi barwizatunga ko nabo bobandanya babashigikira nk’uko Emmanuel yabikoze. Agasaba n’amabanki ko yobafasha mu kubaha ingurane biciye muri iyo koperative hanyuma bakazoyishura bukebuke.
Manirakiza Deo nawe nyene asanzwe ari umunyabigega muri koperative arashima aho ibikorwa bigeze. Agasaba ko n’anadi bafiise ico baterera boza kubafata mu mugongo kugita koperative Gisyo Iwacu Tubabarane itere imbere gusumba”.