Ibiyayuramutwe ni kimwe mu bintu biriko bironona urwaruka, hamwe n’ingo n’imiryango itari mike. Kubura ico bimarira ku rwaruka, kwandura indwara zitandukanye, ugusesagura itunga ry’umuryango, ni zimwe mu ngarukambi zishikira ababifata. Ibiyayuramutwe ni intambamyi mw’iterambere nk’uko bamwe mu rwaruka ruhurikiye mw’ishirahamwe ry’abize ibijanye n’inyifato APSM-Mpagaciro babitwiganira. Ariko baratubwira n’icokorwa kugirango bituzwe.
Ibiyayura mutwe ni iki ?
Kezakimana Violette, umwe mu bagize ishirahamwe atubwira ko ibiyayuramutwe ari ikintu gituma iyo ugifashe uhindura inyifato, ugaca utangurakwerekana inyifato zitari nziza. Iyo umaze kubifata kenshi, birateba bikabatera indwara yo kubikunda cane kuburyo utabironse wumva atamahoro ufise (Toxicomanie).
Mbega mu Burundi hoba hariho abihereza ibiyayuramutwe ? Kubera iki ?
Kubwa Kabwa Frediane nawe ari muri APSM-Mpagaciro, ngo si agaseseshwarumuri, mu Burundi abihereza ibiyayuramutwe bariho. Abenshi muri bo ni urwaruka hamwe n’abagabo.
Tugerageje kumenya igituma iyo mirwi ariyo ikarirwa cane, Kezakimana Violette araduha umuco : « Abagabo akenshi uko baremwe, ari abantu bakunda kwibikamwo ibintu, badakunda ko ingorane zabo zimenyekana. Ni nabo kenshi iyo bashikiwe n’ingorane bagerageza kuvyiyobagiza. Iyo rero bimaze kuba vyinshi birateba bikamuremera. Muri ico gihe baca bahitamwo kwihereza ibiyoga bikaze kugirango bashobore kwibagira ingorane bafise”.
Ku bijanye n’urwaruka, Kabwa amenyesha ko igituma rwihereza ibiyayuramutwe rubitumwa ahanini n’ubuzima bubi baba babayemwo. “Hari abo usanga barabaye impfuvyi, bagaca baja mw’ibarabara kubera batakigira ikibitaho. Rero bivanye n’ubwo buzima baba barimwo, biba ngombwa ko babifata kugira bashobore kurara mw’ibarabara, mu mvura, ku zuba n’ahandi”.
Nk’uko Kabwa Frediane abandanya abivuga, ngo hari n’urundi rwaruka rw’imiyabaga, usanga rwaramaze kwononekara ku buryo ari nk’abanyeshure badashobora kwiga batabinyoye. Ivyo navyo bikavana n’ivyo baba barababwiye bati, wagafashe niho wiga neza.
Ubwoko bwavyo
“Ibiyayuramutwe biri ubwoko bwinshi. Hariho itabi, urumogi rwo mubwoko butandukanye, boost, cocaine, inzoga zikaze cane, hakaba n’ivyo bitera biciye mu nshinge n’ibindi” Niko Kezakimana avuga.
Ingaruka mbi z’ibiyayuramutwe
Ingaruka mbi zo kwihereza ibiyayuramutwe ni nyinshi cane. Ku bana batarakwiza imyaka cumi n’umunani, Kabwa Frediane avuga ko habaho kwononekara mu bwenge, ari nk’umunyeshure, ntashobore gufata neza ivyirwa. Inyifato ziwe zitangura guhinduka, agatangura kwigenza nabi, ntagire ico atinya, ntagire ico asonera n’abantu bose akabishura uko yishakiye.
Abakoresha bimwe vyo kwitera inshinge navyo ngo bishobora kubakwegera izindi ngwara. “Ubwambere izo nshinge bazitora mu mayarara, kandi bakazihanahana. Ivyo bituma bashobora kwanduzanya ingwara zica mu maraso nk’umugera wa Sida, ingwara z’igitigu( Epatite B) n’izindi. Kubera bagendera mu murwi, abeshi bararangura amabanga mpuzabitsina kandi batikingiye. Aho hose hashobora kuba kwanduzanya ingwara zitandukanye zica mu guhuza ibitsina.”
Ku bavyihereza bakuze, Kezakimana avuga ko bituma haba ugusesagura itunga ry’umuryango kandi nabo nyene ingwara zidasigaye inyuma. Kuri urwo rwaruka kandi, ngo hari ababinywa kubera ubukene, mbere bigateba bikamujana mu busuma. Abamaze gusinzikazwa navyo iyo batabironse ntamahoro baronka ari na co gituma ico babonye cose batera batwara kugira bikunde baguremwo ivyo bashaka.
Abamaze gusinzikazwa n’ibiyayuramutwe, vyoshoboka ko babiheba?
Ikintu cambere cofasha abantu ni uguhindura inyifato (Changement de mentalités). Ku bantu bigishoboka ko birimbura bakabona ko hari ingaruka mbi bibazanira, kwifatira ingingo bonyene ngo niwo muti wambere nk’uko Kezakimana abivuga. Bashobora gutangura kubigabanya bukebuke maze bagatinda bakabiheba. Abo bimaze gusinzikaza nabo ngo bakwiye kwitura abahinga mu vy’inyifato canke abaganga bakabafasha.
Vyoba vyiza gukinga hakiri kare
Abo bahinga bavuga ko kwikingira arivyo vyiza. Ubutumwa babwerekeza ku mirwi itandukanye bahereye ku bavyeyi bafise abana.
“ Mu gihe umuvyeyi abonye umwana atanguye guhindura inyifato muhira, canke akabona kwishure atanguye kuzana umwimbu udashimishije nk’uwo yahora azana, canke akabona atanguye kuzana indwara zijanye n’amahaha akenshi ziva ku matabi, iz’umutima, abavyeyi bokwihutira kumenya ico bivako hanyuma bakarwiza impanuro no kwitura abahinga” .
Hobaho inyigisho zikwiye zijanye navyo, hamwe n’ingaruka mbi ziterwa navyo. Kuko abeshi babifata batabizi bakavyisangamwo. Izo nyigisho zorwizwa cane mu mashure canke ahandi hantu hose hakoranira abantu benshi no mu binyamakuru n’amaradiyo.
Mukibano, iyo abantu babonye umuntu yamaze kuja muri izo ngeso bakwiye kumuba hafi, kugira bamenye ingorane afise, icatumye abijamwo gutyo bamenye n’ingene bamufasha hakiri kare.
Kuri Reta: Yocungera cane ibicuruzwa mu gihugu, ikarwanya cane icuruzwa ry’ibintu vyose biyayura umutwe hamwe n’ababicuruza bagahanwa vy’akarorero. Abajejwe intwaro n’umutekano nabo, iyo bishitse bagafata ababinyoye ngo ni vyiza ko aho kubakubita canke kubapfunga, bobashikiriza abahinga (Psychologues) kugira babumvirize bamenye icatumye babijamwo imbere yo gufata izindi ngingo.