Igisata c’amareresi mu Burundi kiracafise ibibazo vyinshi

Inyuma y’imyaka 60 iheze Uburundi bwikukiye, Ishirahamwe COPRODAC rihurikiyemwo abakora Umwuga wo guhinyanyura amareresi waratunganije ikiganiro ku mugoroba wo kuri uyu wa 30 ruheshi 2022 mu nyubakwa za Institut Français du Burundi, mu ntumbero yo kurabira hamwe aho ico gisata kigeze mw’iterambere n’ingorane gifise.

Abari bitvye ico kiganiro

Abraham Musaba umwe mu nararibonye mu bijanye no gutunganya amareresi avuga ko imbere y’uko imboneshakure ibaho, gukora ireresi (film) cari ikintu kigoye cane.

Mugufata amasanamu twakoresha ma cassettes , kandi twabiwirizwa gufata amashusho ukwayo, amajwi ukwayo. Ivyo vyose imbere ko bihingurwa vyategerezwa kurungikwa muri Bubiligi hanyuma bikagaruka kugira bikorwa( montage) mazez tukongera kubirungika kandi kugira haboneke igikorwa canyuma.

Abraham Musaba avuga ko icogihe gukora ireresi y’iminota 15 vyashobora gutwara amezi atandatu. Ariko Télévision imaze kuza vyari bigoye cane. Vyari bigoye kuko ntitwashobora gusigura ingene twokora film izomara amezi n’amezi kandi télévision ibikora ubwonyene abantu bagaca babibona.

Jean Marie Ndihokubwayo, asanzwe arongoye coprodac muri kino gihe akaba amaze no gukora amareresiatari make abona ko igisata c’amareresi(Cinema) mu Burundi kitigeze gitera imbere.

” Novuga nk’imbere ya 2015, hariko haraboneka ibikorwa vyinshi kandi bitandukanye. Ariko vyabaye mu 2015 vyatumye vyose bisubira hasi.”, niko Ndihokubwayo avuga.

N’aho avuga ko muri Coprodac bariko baragerageza kuvyura uko bishoboka kugirango ico gisata kivyuke, ingorane zo ngo ziracari nyinshi.

Ingorane yambere abona ngo nuko atashure yigisha Cinéma ihari mu Burundi. Ivyo navyo ngo bituma atabantu bazi neza ivyo gukora Cinéma (professionnels) baboneka ku bwinshi.
Iyindi ntambamyi ngo ni ukubura ibikoresho bikwije amategeko yemewe ku rwego mpuzamakungu, aho kwerekanira amareresi, itegeko ribagenga, n’ibindi.

Abitavye urwo ruganda bakabona ko urwaruka rukwiye gufata ikibazo mu minwe maze ico gisata kikanagurwa. Ariko kugira bishoboke, basaba Reta ko yoshiraho ishure ryigisha Cinéma, hanyuma bakaronswa n’itegeko ribagenga kuko kugeza uyu munsi igisata c’amareresi kigengwa n’itegeko ryo kumenyesha amakuru.