Giheta (Gitega): urwaruka ruriko rurakarihirizwa ubwenge mu vy’uburimyi n’ubworozi na maison du fermier

Uburimyi n’ubworozi biriko birahurumbirwa n’urwaruka mu Burundi. Ukworora inkoko biza mu vya mbere. Muri komine Giheta mu ntara ya Gitega, urwo rwaruka ruriko rurahabwa inyigisho kugira ngo ruzobikore neza. Maison du Fermier ifadikanije n’umugambi PAEEJ (Programme d’Autonomisation Economique et l’Emploi des Jeunes) ni yo iriko iratanga izo nyigisho.

Urwo rwaruka rwo muri komine Giheta (Intara ya Gitega ) ruri mu mugambi ujejwe guhimiriza urwaruka kugira ngo rwiteze imbere ntirugume ruzera inze.

Kuva kuri uwu wa mbere, urwo rwaruka ruriko ruraronswa inyigisho karishabwenge mu bijanye no kworora hamwe n’ubuhinga bwo kurima kijambere.

Komine Giheta ifadikanije na maison du fermier ni bo bariko baratunganya izo nyigisho.

Venant Manirambona, buramatari w’intara ya Gitega, ni we yatanguje icese ivyo bikorwa bizorangira kuwa 4 munyonyo. Akaba yaragarutse ku kamaro k’ukworora inkoko mw’iterambere. Agasaba urwaruka guhurumbira ubwo bworozi.

Wilbert Dusabe arongoye Maison du Fermier ari na we ariko arigisha urwo rwaruka, akaba avuga ko inyota yiwe, ari uko urwaruka rwisununura.
Akaba ashima ko ibikorwa vyiwe biriko birashikira abatari bake.

Hampande y’ubworozi bw’inkoko, Wilbert Dusabe arateza imbere ubworozi bw’amafi rukorerwa ku mutumba, aranorora ingurube kandi ku buhinga bugezweho, …

Ivyo bikorwa bikorerwa ku mutumba #Kibogoye muri komine Giheta intara ya Gitega. Bifashwe mu mugongo na PAEEJ (Proramme d’Autonomisation Economoque et l’Emploi des Jeunes).