Rumonge : Intara ishobora kutagendwa atagikozwe vyihuta.

Mu buraruko bushira uburengero bw’Intara ya Rumonge:Ibarabara Bujumbura-Rumonge riheruka gucika, kukiraro ca Kirasa, kigabura intara za Rumonge na Bujumbura. Ibi vyaratumye ingendo zitoroha ku bakoresha iryo barabara. Amamodokari ntarengana. Aha ibipfa biba vyinshi cane.Mu bumanuko bushira uburengero bw’intara,Kuri iryo barabara nyene ry’igihugu inomero zitatu, urugendo rwo gushika i Nyanzalac ntirworoshe.

Mu bice vya Muguruka na Rimbo vyo muri zone Mukungu ibinogo bihari bituma amamodokari manini manini bitorohako arengana. Abava nko muri komine Mabanda baja i Bujumbura, biba ngombwa ko baca mu ntara ya Rutana. Urugendo ruba gwiyongereye, n’agatike ko kwiyunguruza bikaba uko nyene.Mu buseruko bw’intara ya Rumonge naho nyene bishobora kutoroha:Ibarabara ry’igihugu nomero 16 ryarase imigaga ku buryo rishobora kutarengana umwanya uwari wo wose. Aho ni ku mutumba Muramba muri Zone Buruhukiro muri komine Rumonge.

Ayo mabarabara ni makuru makuru yijira mu ntara ya Rumonge. Hamwe vyoshika nta hite yose, intara yoba isigaye yirebanga ata modokari ijayo canke ngo iveyo.Consolateur Nitunga arongoye Rumonge Province akaba asaba ko ivyo bice vy’amabarabara vyokorwa kuko ari ngira kamaro ku ntara z’ubumanuko, igisagara ca Bujumbura n’igihugu cose muri rusangi. Nkako, nk’ibarabara ry’igihugu inomero zitatu RN3, rirabandanya rikaninjira muri Tanzaniya, igihugu kibanyi kizananamwo ibidandazwa bitari bike.Abakoresha iryo barabara bakabona ko umuti urama ari ukurisanura ryose, ico naco kikaba kirindiriwe.