Igenekerezo rya 13 ruheshi uko umwaka utashe, isi yose irahimbaza umusi wahariwe guhimiriza ku bunyamwema. Uyu mwaka, mu Burundi, uwo musi wahimbarijwe mu kigo ndangamico c’ abafaransa i Bujumbura bitunganijwe n’ ishirahamwe ry’ abanyamwema ritagira imbibe ( Albinos Sans Frontières ) kuri uyu wa 13 ruheshi 2021.
Muti none ubunyamwema buva kuki?
Muganga Levy Kandeke asigura ko ubunyamwema buva kubavyeyi babiri iyo mu duhimba ndemangingo twabo harimwo ubwo bumuga bituma havuka umwana afise urukoba rwera. Arongera akamenyesha ko atanumwe akwiye kwagirizwa ikosa ngo ni uko havutse umunyamwema mu muryango kuko ngo biva ku mpande zibiri z’ abavyeyi.
Mbega buri imigwi ingahe?
Nkuko bivugwa n’ uyo yanonosoye ivy’ ingwara z’ amaso, ubunyamwema buri imice ibiri :
Ubwo mu maso (albinisme oculaire) hamwe n’ ubwo ku rukoba aribwo : albinisme oculo – cutané. Ubunyamwema ngo ntibufata abirabure gusa, buri no ku yindi migabane y’ isi yose kandi ngo n’ ibiterwa hamwe n’ ibikoko birafatwa
n’ iyo ndwara .
Ingorane abanyamwema bahura:
- Barakarirwa cane n’ izuba,umuco urabababaza;
- Birabagora kubona neza ku muco
Anicet Bangirinama arongoye Albinos Sans Frontières avuga ko abakenyezi benshi birukanwa canke bagatabwa iyo bibarutse umunyamwema, abashoboye gushika kw’ ishure nabo bagakumirwa kubera badasa n’ abandi bana
Iyo hageze kwubaka urwabo, Bangirinama avuga ko cane cane abigeme aribo bagira ikibazo kuko imisore ikomeye ngo iraheza ikanebagura abo bafise urukoba rwera bakibaza ko batoshobora guterera mu mubano kuko bama bahunga izuba mukwikingira igihe cose ariko ku basore ngo ntakibazo, inkumi zibonye ko ashoboye gutunga umuryango umugeni aramuronka neza.
Uwo aserukira Albinos sans Frontières arashima ko uruhigi gw’ abanyamwema gwagabanutse ariko akavuga ko indwara cancer yo ku rukoba ihitana ubuzima bwa benshi muri abo aserukira.
Ikindi kigoye kugeza ubu nta bitigiri bitomoye vy’ abanyamwema bafise ivyo navyo ngo bituma ishirahamwe ritoroherwa mu gutunganya imigambi asaba abafata ingingo mu gihugu ko bofata mu minwe ibibazo vyabo kugira nabo baduge mw’ iterambere .
Twobamenyesha ko ishure BIMS( Bujumbura International Montessori School) ryatanguje umugambi wo kwigisha ku buntu abanyamwema. Ubu rikaba rifise abana 7 bagendana ubunyamwema nkuko bimenyeshwa na Terry Tanger umuyobozi w’ iryo shure.