Ni igiki cokorwa kugira ikibazo c’abana bo mw’ ibarabara kiranduranwe n’imizi?

Imisi yose muzobona abana baba mw’ i barabara, ni uruhombo runini ku gihugu”. Bivugwa na Paul Ngarambe, umwigisha muri Kaminuza mu kiganiro c’abanditsi cabaye ku mugoroba w’ uno wa kane igenekerezo rya 15 Mukakaro 2021 i Bujumbura.

Asigura ko abo bana benshi bajayo kubera ingorane zo mu miryango yabo. Ati igihugu kirahahombera kuko muri abo bana hari abafise ingabirano zitandukanye zoteza imbere igihugu.  Mugihe urwo rwaruka rukurikiranywe neza, rukaja mu mashure nk’ abandi. Kubw’ uyo mwigisha ngo hakwiye kujaho indinganizo itomoye yo kubafasha kandi abajejwe gufata ingingo mu gihugu bagafata iyambere.

Kubwa Jeanne d’ Arc Nduwayo, umwanditsi w’ umurundikazi abona ko abanditsi b’ abarundi boterera mu kwandika bashira ahabona ingeso mbi zituma   harwira abana badakurira mu miryango yabo. Izo ngeso ni nko guharika, ukuvyara abana maze bakanka kubemera bakabahakana ku bagabo bamwe bamwe b’ abarundi. Mu gisagara ca Bujumbura babayeho  basegerereza ku mabarabara  abandi nabo bakiba, mu kuryama bamwe  bamwe baryama mu bikarato imbere y’ amazu y’ idandarizo, y’ uburiro hamwe n’ ibirabo bimwe bimwe.

Biri uko mu gihe uburundi bwifadikanije n’ ayandi makungu mu guhimbaza umusi mpuzamakungu wahariwe igwirirana ry’ abantu kuwa 11 Mukakaro 2021.

Mw’ itangazo yashize ahabona Thaddée Ndikumana aramutswa ubwo bushikiranganji asaba abagabo n’abagore bubakanye ko na ntaryo boja inama kw’ irondoka kugira bavyare abo bashoboye kurera.

Muri ubwo butumwa nyene, ubushikiranganji bujejwe amagara y’ abantu bumenyesha ko bugiye guhuza abajejwe amagara y’ abantu, abo mu mashengero  kugira buzuzanye mu ntumbero yo guhangana n’ikibazo c’igwirirana ry’ abantu.