Opération Usalaama VII: ibitari bike vyararanguwe

Mu kiganiro yahaye abanditsi n’abamenyeshamakuru kuri uwu wa mbere, umuyobozi mukuru w’igipolisi c’Uburundi yamenyesheje ko mu gikorwa citiriwe Usalaama giheruka hakozwe ibitari bike.

📌 Ibiro 205,8 vy’urumogi vyarafashwe, abantu 38

( harimwo abagore 8) badandaza canke banywa urumogi barafatwa . Igipolisi kikavuga ko abafashwe bari imbere y’ubutungane.

📌 Abana batandatu b’abahungu bari munsi y’imyaka 24 barahagaritswe mu ntara ya Karusi bajanywe gukoreshwa ibikorwa vy’uburimyi mu gihugu ca Tanzaniya.

📌 Harafashwe kandi amasasu 1060 akoreshwa mu nkoho yo mu bwoko bwa #Kalashnikov, inkoho imwe yo mu bwoko bwa Lance Roquette n’ibisasu 2 vyavyo hamwe n’ibikono vy’amasasu, amasasu 700 akoreshwa mu nkoho yo mu bwoko bwa Mitrailleuse, igikono c’amasasu yo mu bwoko bwa MI-50. Kuri ibi, igipolisi kivuga ko ata muntu yafashwe, amatohoza akibandanya.

📌 Mu gisata c’uburovyi, insenga 200 zitarekuwe n’amategeko bita ” filets maillat” zarafashwe ziraturirwa, utwato 10 tw’abarovyi turasamburwa, imisegetera 50 bakoresha mukuroba udufi dutoduto bita ” umugara” irafatwa iraturirwa. Muri ico gikorwa kijanye kurwanya ivyaha bijanye no kwonona ibidukikije, abarovyi 9 bari imbere y’ubutungane. Aho ni mu gihe imisumeno 4 yakoreshwa mu kubaza ibiti vyatemwe hatisunzwe amategeko, ibeni 4 zitwara amabuye vyarafashwe. Bene amabeni baraciwe amahadabu.

📌 Imodoka 100 zarasuzumwe, izindi 11 na tukutuku 3 zifise impapuro ndangamuduga zitanditse neza zirahagarikwa.

📌 Amalitilo 1968 y’inzoga zitemewe n’amategeko nka Kanyanga, Umudiringi, umuraha, umunanasi, Karigasoke, n’izindi zarafashwe ziraseswa. Imiti y’ubwoko 100 yataye igihe yarafashwe mu mazu agurishirizwamwo imiti.

📌 Harafashwe intsinga 50 za REGIDESO i Bururi n’i Gitega.

📌Abantu 3 barafashwe mu Cankuzo, 8 barafatwa mu Cibitoke bafise ibiro 5,5 vy’inzahabu, abandi 3 bafatirwa mu Kirundo bafise ubutare bita #Wolframite. Igipolisi kimenyesha ko bariko barumvirizwa n’ubutungane

Ivyo ni ivyavuye mu gikorwa ciswe OpĂ©ration USALAMA VII cabaye kuva kw’igenekerezo rya 29 Mukakaro gushika ku rya 4 Myandagaro uwu mwaka . Ico gikorwa kikaba cabereye mu mwanya umwe mu bihugu bigize uburere bwa EAPCCO( ishirahamwe rihurikiyemwo abakuru b’igipolisi mu bigugu vya Afrika y’ubureruko) na SARPPCCO( ishirahamwe rihurikiyemwo abakuru b’igipolisi mu bihugu vya Afrika y’Ubumanuko) , ayo yompi akaba ahurikiye mw’ishirahamwe mpuzamakungu INTERPOL rihurikiyemwo ibihugu 194 harimwo Uburundi.
CPC Melchiade Rucece, umugenduzi mukuru w’igipolisi c’Uburundi akavuga ko ico gikorwa cakozwe mu ntumbero yo kurwanya ivyaha ndengambibe .