PAFE: abarondera ivya ngombwa ntibabironka vyoroshe

Haraheze imisi abarongoye ikigo kijejwe gutanga impapuro z’ingenzi PAFE cijeje abacitura ko bigiye gutungana. Umuyobozi w’ico kigo yemeza ko hari ingorane yasigura ko ibikoresho vyaheze. Hari n’amamashini mashasha yamenyesheje ko yabonetse. Ariko, vyose bisa n’ivyabaye ubusa. Nta kirahinduka nk’uko umumenyeshamakuru wacu yavyiboneye.

Imirongo ni miremire ahakorera igiporisi kijejwe gutanga impapuro z’inzira PAFE. Mu kigobe (komine Ntahangwa mu gisagara ca Bujumbura) aho ico kigo gikorera, abantu barazinduka, bagatonda ibarabara rikazima. Bamwe baba baje bava mu gisagara ca Bujumbura, abandi hagati mu gihugu. Hari ababa ari bashasha, abandi nabo bakaba bamaze amezi n’amezi bahatonda ariko ntibaronswe ivyo bakeneye. Izuba riraka rikabasanga aho batonze bizigiye gushikirwa, imvura yagwa ikabasanga aho nyene, bagataha ukwo baje.

Insiguro ziguma ari za zindi

Nta Passport ziriko zirakorwa, nta passport iriko iratangwa muri iki gihe, commissaire général si ho ari, nta formulaires zihari, …”, izo ni zo nsiguro zihabwa abaje kurondera ivyo vya ngombwa.

Insiguro ntizifashe


Uwu mutama agira ati “maze indwi zitatu ntonda ng’aha. Sinarondera Passoport, narondera CPGL kugira ngo nje ku maziko y’umuntu muri Repuburika iharanira intwaro rusangi ya Kongo. Sindayironka“.

Hari uwundi avuga ati “jewe nazanye ivya ngombwa mu kwezi kw’icenda, kugeza ubu sindaronka icangombwa ndondera. Simbona ibiriko biraba ng’aha. Utazwi nturonka ico urondera“.

Uwu wundi nawe ati “nama manuka mvuye i Muyinga. Ni bo baba bampaye umusi wo kugaruka. Itike, uburyo bwo gufungura, aho ndyama, biramaze kurenga ayo nategerezwa kugura iyo passport. Birateye isoni“.

Ibi biratuma bamwe bamwe bikora ku bapolisi babafasha, mbere bamwe bamwe bakanibwa.

Bavuga bati “batubwira ko ata na kimwe kiriko kirakorwa. Ariko hari abaza bagaca bagenda bazitahanye. Ntituzi ivyo baraba. Ariko ikiboneka, haraba imyikebukano hagati y’abakozi bo muri ico kigo hamwe n’abarondera izo mpapuro.

Uwu twavuganye agira ati “haraheze amezi atatu ndondera Laisser-passer. Igurwa ibihumbi mirongo itatu. Hari umupolisi yambwiye ko abimfashamwo anyaka ibihumbi mirongo ibiri. Uwu musi ampa amahera yanje canke laisser-passer”.

Mu mpera z’umwaka uheze abapolisi bakorera muri ico kigo baravuzweko barya ibiturire. Nka bose barahinduwe, ariko ntacahindutse, nk’uko abitura ico kigo babivuga gushika kuri uwu wa kane.

Muri uku kwezi kwa mbere, umukuru w’ico kigo yaramenyesheje abamenyeshamakuru ko ikibazo kiriko kiva ku bikoresho, akizeza ko bigiye kuboneka kuko vyatumweko ku bwinshi.
Hagati mu kwezi kwa mbere nyene, uwo muyobozi yamenyesheje ko hari ama mashine ahejeje gushika kugira ngo afashe ayahahora, gutyo imirongo igabanuke.

Abitura ico kigo bakaba bibaza nimba koko ivyo bikoresho bitarashika canke izo mashine zitaratangura gukora. Mu mwanya bakirindiriye ivyo vyose, “hari abashika kuri ico kigo bagataha batahanye izo mpapuro z’inzira canke bakabironswa mu misi itarenga itatu”, nk’uko babandanya bidoga.