Reta yiyemeje kubandanya ishigikira abarimyi b’ikawa.

Abarimyi b’ikawa bagiye kuronswa ifumbire barishe ibice mirongo ine kw’ijana (40%) Reta ikabarihira ibice mirongo itandatu bisigaye (60%). Vyongeye n’imivyaro izoterwa n’imiti n’ibikoresho bitangwa ku buntu. Ivyo ni ivyamenyeshejwe n’umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije kuri uyu wa Kane, igenekerezo rya 20 Gitugutu gihe ubwo bushikiranganji bwari buramutse butanguza icese ku rwego rw’igihugu, ibikorwa vy’ipompa, ifumbira n’itera ry’imivyaro y’ikawa umwaka wa 2022-2023 ku musozi wa Gihuga, zone Kabanga, Komine Giheta intara ya Gitega.

Dodiko Prosper, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bw’uburimyi, ubworozi n’ibidukikije ari nawe yuguruye ivyo bikorwa, yamenyesheje yuko igikorwa kijanye n’ipompa, ifumbira ry’ikawa n’iterwa ry’imivyaro mishasha ko kiri murukurikirane rw’ibikorwa bisubiza itoto ibipimo vy’ikawa, umwimbu ukiyongera mu gihugu, bigatuma yaba umurimyi eka n’abakorera mu gisata c’ikawa umwe wese abukura mu cibo.

“Nk’uko musanzwe mubizi, ikawa ni igiterwa catanguye guterwa hano mu gihugu cacu kuva mu mwaka w’1920. Ni igiterwa gifitiye akamaro kanini cane abakirima n’abakorera mu gisata c’ikawa mu kubaronsa amafranga. Ni igiterwa kandi gifitiye akamaro kanini igihugu cacu kuko ni co ca mbere cinjiza amahera mvamahanga mu kigega ca Reta kugera ku bice mirongo umunani kw’ijana (80%), ayo nayo akaba afasha mw’irangurwa ry’imigambi itandukanye y’iterambere.“, Niko Dodiko avuga.

Ariko rero, iryo terambere kugira rishikweko ngo dutegerezwa kuronka umwimbu mwinshi kandi w’akanovera, wihesha agaciro mu makungu. Ari co gituma, hari ibikorwa umurimyi w’ikawa wese ategerezwa kwibandako mugukora mbere akitaho no gusubiriza ibipimo bishaje na kare “uwushaka umubira abanza kubira akukuya.

None ipompa, ifumbira n’itera bifise akamaro akahe?

Nk’uko Dodiko abisigura, gumpa ngo bituma umurimyi akingira ibiti vy’ikawa ingwara n’udukoko turya ikawa. Gufumbira nakwo bituma ikawa zivyibuha kandi zigatotahara zikongereza n’umwimbu. Gutera imivyaro y’ikawa navyo, bidufasha kugwiza ibipimo vy’ikawa no gusubiriza ibiti bishaje. Ivyo bikorwa ukwo ari bitatu ngo bituma umwimbu wiyongera.

None Reta igiye gukora iki?

Ku ruhara rwa Reta, kugira umwimbu ubandanye wiyongera haba muguhimiriza abarimyi kuja mumakoperative no gukorera amakawa yabo, hari ico Reta igiye gukora : ” Ni muri iyo ntumbero, abarimyi b’ikawa bazoronswa ifumbire barishe ibice mirongo ine kw’ijana (40%) Reta ikabarihira ibice mirongo itandatu bisigaye (60%). Vyongeye n’imivyaro izoterwa n’imiti n’ibikoresho bitangwa ku buntu.”, Niko Dodiko avuga.

Uwo mu nyamabanga akaba yasavye abafundi b’indimo n’abatware bo ku mitumba gucungera no kubungabunga imiti n’ibikoresho no gukurikirana iyo mivyaro ku neza y’abarimyi b’ikawa bose n’igihugu kuko yaba iyo miti, ibikoresho niyo mivyaro kugira biboneke Reta yasohoye amahera atari make. Imiti isesaguwe, ibikoresho bikibwa eka niyo mivyaro idakurikiranwe ryoba uruhombo runini.