HOBA HARI AGAHAZE MU BUMENYI MU BIJANYE N’UBWUBATSI?

Uwu muhinga mu bijanye n’inyubako avuga ati: “Umuganga yoshobora gusigura ko umugwayi yamupfanye. Ariko umuhinga mu vy’inyubako nta narimwe yosigura igituma igorofa yariko arubaka yomusenyukana”. Ku bwa Gérard Ndayisenga, ubumenyi buke ku babikora, ukutitonda ngo bakore ivyigwa, ubunenge buri mu mashirahamwe ajejwe inyubako ariko adakwije amategeko, aho usanga umuntu afise amahera agaca ashinga iryo shirahamwe ryo kwubaka gusa atumva ivyo arimwo, …ni co gikunda gutuma amazu asenyagurika ataranaheza kwubakwa.Ivyo kugira ngo bigabanuke, abize bakananonosora ivy’inyubako nibo bategerezwa gukora ivyo vyigwa, bakanazikurikirana.