Ubu gushinga ishirahamwe birakorerwa kubuhinga bwa none.
Ubu gushinga amashirahamwe mu Burundi bikorwa hakoreshejwe ubuhinga ngurukanabumenyi, Ubu kandi n’abasaba uburusho butangwa n’Itegeko rigenga imitahe, birakorwa hisunzwe ubwo buhinga nyene. Bikaba bimenyeshwa na Didace Ngendakumana arongoye ico kigo kijejwe iterambere ry’igihugu (Agence de Developpement du Burundi). Ni mugihe kuri uyu wa 17 Nzero 2023 muri source du Nil yari aramutse amenyesha ivyaranguwe n’ico kigo mu mezi atandatu aheze (kuva mu kwezi kw’7 gushika mu kw’12 mu 2022).
“Ubu kwugurura ishirahamwe bikorwa hisunzwe ubuhinga bwa none. Umuntu akabikora atarinze gutonda ku kigo ADB. Uwuvyifuza yoca kuri www.easybusiness.bi canke www.investburundi.bi . Ubu kandi ubu n’abasaba uburusho butangwa n’Itegeko rigenga imitahe, ubu bikorwa hisunzwe ubwo buhinga”, Bivurwa na Didace Ngendakumana arongoye ADB.
Didace Ngendakumana avuga ko muri ico gice dusozereye, caranzwe n’ibikorwa bikomakomeye mbere twokwita « AKABIRYA » nk’ishirwaho ry’Intumbero n’indinganizo z’ ikigo ADB kizisunga muri iyi myaka iri imbere, hakaba n’inzira canke ibikoresho ikigo ADB kizisunga mu bikorwa bijanye n’ishingwa ry’imitahe mu Burundi, hamwe no kworohereza abashinga imitahe…
Amashirahamwe arenga 2 511 ni yo yashinzwe, akaba ategekanya gutanga ubuzi 15 680. Ku bijanye n’uburusho butangwa n’itegeko rigenga imitahe, hatanzwe impapuro zitanga uburenganzira bwo guhabwa uburusho 45, amashirahamwe yose yaburonkejwe agategekanya kuzokoresha umutahe ungana n’ 411 523 359 217 mu mafaranga y’amarundi hamwe n’ubuzi butegekanijwe bungana n’3902.
Hakaba haratanzwe kandi impapuro mfatakibanza 80 zitanga uburenganzira bwo kuronka uburusho, ayo mashirahamwe akaba amaze gukoresha umutahe ungana n’274 691 132 975 mu mafaranga y’amarundi, tugerenanije n’umutahe wari utegekanijwe ungana n’869 385 326 267 mu marundi nyene. Ni ukuvuga ibice 31,6%. Hakaba hatanzwe ubuzi 1 284 kuri 5 883 bwari butegekanijwe. Ni ukuvuga ibice 21,2 %.
Naho biri uko hari ibitagenze neza bigiye gukosorwa.
Umuyobozi wa ADB amenyesha ko hari ibitagenze neza ariko hafashwe ingingo kugira bikosorwe. Agira ati: “Mwomenya kandi ko hamaze gukorwa umwihwezo ku bitagenze neza mu nteguro y’ibikorwa n’intumbero vy’ikigo API, haciye hafatwa ingingo yo gushiraho integuro nshasha izotanga akarusho, dufatiye ku burorero bw’ibindi bihugu haba ivyo mu karere canke mu makungu, iyo nteguro ikazoba ishingiye ku nkingi zitatu arizo :
Gushigikira no kworohereza igisata c’abikorera utwabo ; Kworohereza no gukarihiriza ubwenge amashirahamwe matomato; Gutanga ubumenyi mu bijanye no gushorera hanze y ’igihugu.”