Ukwinjira mw’isoko rusangi ya Afrika, Uburundi buzokwunguka iki? Vyogenda gute?

Kugera mu mwaka w’2021, ibihugu 54 kuri 55 bigize umuryango wa Afrika vyari bimaze kwinjira mw’isoko rusangi y’uwo mugabane w’isoko rusangi ry’ibihugu vya Afrika ari yo ZLECAF mu mpfunyapfunyo y’igifaransa. Muri ivyo bihugu vyiyemeje kwinjira, Uburundi burimwo. None buzokwunguka iki? bizogenda gute ? Canke bwokwitegura gute? Salomon Nsabimana, umuhinga mu vy’ubutunzi akongera akaba n’umwigisha muri za kaminuza aratanga umuco ku vyokorwa.Mu ruganda ku bamenyeshamakuru ikigo CDE catunganije kuri uno wa gatatu igenekerezo rya 20 Gitugutu 2022.

Ivyiyumviro vyashikirijwe bishingiye ku mugambi w’isoko rusanga ya Afrika, ico ifasha ibihugu vyinjiyeyo, ivyo abarundi bokwitega nk’uturusho hamwe n’ivyo reta yokora mu kworohereza uwo mugambi. Isoko rusangi yo ku rwego nk’urwo isaba iki ngo igende neza? Nkuko tubisanga muri :”Economics and distribution effects”, icigwa cakozwe n’ibanki y’isi yose, ukwugurura isoko yo ku rwego rw’umugabane wose rigabanya ibiciro vy’ibidandazwa ku masoko, abaguzi bakabironka ku biciro bito bito.Gutyo ubutunzi bukiyongera. Kugira bigende neza, ico cigwa nyene kirerekana ko ama reta abwirizwa gushiramwo inguvu mu migambi yayo iraba ivy’abakozi n’akazi hamwe n’urudandazwa kugira ngo aronke uturusho dushasha dutangwa n’iyo soko rusangi.

None ni utuhe turusho abarundi bokwitega muri iyo soko?

Ku ruhande rwa reta naho Manirakiza yizera ko abagwizatunga bazoriha amatagisi hamwe n’amakori, ivyo navyo biduza ubutunzi bw’igihugu. Umwihwezo w’umuhinga ku kibazo co kumenya uturusho tuva mw’isoko rusangi.

Salomon Ndabimana, umwigisha wa Kaminuza mu gisata c’ubutunzi avuga ko dushingiye mu kwongereza ivyo Uburundi bushora hanze hamwe no kwongereza ivyo bwinjiza bivuye hanze kubera inzitizi zizoba ziravanwaho bukebuke. Ariko uwo muhinga arasubira akamenyesha ko ivyiza biva mw’isoko rusangi atari ibitangaza.
 
Avuga ko ari ibintu  ibintu vyo kw’itegurira neza  ahandi hoho amahinguriro yo mu Burundi adakora ivyubahiriza amategeko mpuzamakungu ntazoronka abaguzi gutyo asange yugaye kuko abaguzi bobo bashima ibimeze neza. 
Kuri iyo mvo niho Nsabimana asaba Reta ibicishije mw’ishirahamwe rigenzura ubuziranenge bw’ibidandazwa BBN kuba magabo igasuzuma ko ibihingurirwa mu Burundi vyoba vyubahiriza amategeko kugira ibiva mu Burundi bishobore guhiganwa no mu makungu.
 
Kubwa Salomon Nsabimana, abarwizatunga barakwiye kwongereza uburyo bahora bakoresha kugira barwize umwimbu mu bitigiri no mu kanovera k’ibidandazwa vyabo kuko uwugiye kw’isoko mpuzamakungu aba agiye mw’ihiganwa.

Mwomenya ko isoko rusangi ya Afrika ishingiye ku guhanahana ibidandazwa, ubuzi(services), ibiraba ibikorwa mvabwenge nk’ivy’abanditsi, abashushanya, abaririmvyi hamwe n’imigambi ijanye no guhiganwa mu vyubudandaji nk’uko tubisoma mu kigabane ca 6 c’amasezerano agenga iyo soko.