Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu Angeline Ndayishimiye yararemesheje ikiganiro kadasanzwe kuri uyu wa mbere Ntwarante kuri Eden Garden mu ntumbero yo kwitegurira guhimbaza umunsi mukuru wahariwe umukenyezi . Icivugo c’uyu mwaka ni : « Uruhara rw’indongozi mw’iterambere ry’ubuhinga ngurukana bumenyi ridakumira. » Muri ico kiganiro, Umutambukanyi w’Umukuru w’Igihugu yamenyesheje ko ico civugo ari ngirakamaro ku gihugu, indongozi n’abatari indongozi ata n’umwe akumiriwe.
Akamaro ku bigeme
Umutambukanyi w’umukuru w’igihugu avuga ko ubuhinga ngurukanabumenyi ari ngirakamaro kubigeme n’abakenyezi :
« Ubuhinga ngurukana bumenyi urashobora kubwifashisha mu gutabariza na canecane mu kurwanya amabi akorerwa abakenyezi. Urashobora kubwifashisha mu gutanga ubutumwa utiriwe uratakaza umwanya. Ubuhinga ngurukana bumenyi burashobora kukwigishiriza aho uri ugatahura utiriwe uraja kure », Angeline Ndayishimiye.
Mu bijanye n’ubucuruzi, indero hamwe n’uburimyi, aho hose Angeline Ndayishimiye amenyesha ko ubuhinga bwa none ari ntangere. Nk’abigeme, ushaka umenya ingene wokwambara neza, ingene wosokoza neza, ingene wohingura neza impuzu vyose ubisanga kubuhinga ngurukana bumenyi.
« Ubuhinga burashobora kugufasha mw’ihayanishwa ry’ibidandazwa. Ushobora kuba wararimye ibirimwa ariko ukabura uwugushorera, ariko ubwifashishije ukaronka isoko. Buragufasha ingene dushobora kurima kijambere tutarinze gufata indege. Buragufasha kwongerereza ubumenyi muvyo wize mw’ishure. N’aho uba warize, ntihazogire uwugira ngo ndakuze sinokwiga, iyo uri mw’ishure ubwenge buguma buri kugihe, ubuhinga ngurukana bumenyi ni ishure ryigisha uwariwe wese yaba umukenyezi, umugabo umusore canke inkumi bose bijukire ubwo buhinga kuko bufise akamaro kenshi. »
Ubuhinga ngurukana bumenyi ni karahara mu ruganda nti bacure
Daniella Niteka yigisha ibijanye n’ubwo buhinga muri Kaminuza, amenyesha ko ari karahara mu ruganda ntibacure. Naho biri uko, abakenyezi n’abigeme ngo ntibatarabwijukira ku rugero rushimishije.
« Ubuhinga ngurukana bumenyi mw’iterambere ni karahara mu ruganda ntibacure. Ubu babigereranya n’inzahabu (or numérique). Iyo bishitse hakaba abasigara inyuma muri ico gisata haba hariho agahombo kadasanzwe. Muri ivyo vyo guhanahana amakuru, vyarazanye impinduka mu buzima bwose bw’igihugu. Uyu munsi, ico gisata ntibikunda ko umuntu acirengagiza.”
Uwo mwigisha muri Kaminuza avuga ko kw’isi turenga gatoya imiriyaridi 7 ariko muri zo imiriyaridi 3,9 zirashobora gukoresha ubuhinga bwa none.
Muri Afrika ababikoresha ngo bababa imiriyoni 900. Ariko abakenyezi ntibari kurugero rumwe n’abashingantahe. Muri abo imiriyoni 900, ibice 27 gusa nibo ari abakenyezi. Kandi muri abo, ababikoresha kuburyo bibagirira akamaro ni ibice 15 gusa. Nayo kw’isi yose, abakenyezi bakoresha ubwo buhinga baracari bake kuko bagera ku bice 17 % gusa ‘.
Intambamyi nyamukuru kubakenyezi
Umutambukanyi w’umukuru w ‘Igihugu abona ko intambamyi nyamukuru ari ubumenyi buke. Abantu benshi mbere n’indongozi ngo ntibaramenya kubukoresha neza. Abona ko hakwiye kuba ihimiriza abo banonosoye bagafasha abandi kugira bamenye kubukoresha neza. Angeline ndayishimiye avuga ko ubuhinga ngurukana bumenyi ubukoresheje nabi bushobora kugutakaza . Asaba ngo abarundi babukoreshe mu bitugirira akamaro, mu biduteza imbere haba mu rugo haba no mu gihugu.
Izo ntambamyi zova munzira gute ?
Kubwa Daniella Niteka ngo ni ngombwa ko abakenyezi babwitaho. Baravye kw’isi yose, ngo harakenewe ko abigeme bareka kwikumira, bakajijuka bakijukira ubwo buhinga bagahamvya basaza babo bariko barabikora, ngo kuko nabo bafise impano kandi Imana yarabahaye Ubwenge. Iyo batavyitayeho ngo hari ibintu vy’inkoramutima kuri bo bidaheza ngo bironke ikibanza neza kuko banyenevyo basa n’abari kure bategera ngo biteho kubitunganya.
Birakenerwa ko rero mu mashure yisumbuye na za kaminuza abakenyezi n’abigeme bahawe akaryo ngo bavyijukire. Hakwiye kuba ama clubs TIC kugira babakabure hakiri kare kandi twoheza tukabibonamwo inyungu uko iminsi izoza iragenda. Ikindi cofasha muvyo ubuhimga ngurukanabumenyi budakumira ni uko haba ubumenyikuri bose. Ivyo vyokunda habaye guhimiriza no kwigishwa kugira na babavyeyi canke abavukanyi bacu bari hariya mu mitumba ntibasigare inyuma kugira ngo muvyo bakora habe akunguko n’amahirwe abonetse. ivyo rero bigasaba guhimirizwa nokwigishwa ingene bikoreshwa n’ingene boja hamwe n’abandi.
Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru wahariwe umukenyezi, umutambukanyi w’umukuru w’ igihugu asaba abakenyezi kwiyemera : « Umwigeme n’umupfasoni aho ari hose ahamagariwe kwiyemera akabona ko ashoboye. Hanyuma agahanuza abandi kugira amenye ko atagumye ku ntumbero itari yo. Ndabateye ntege, Ivyo vyigwa mubona ko bitinyitse, bibe ari vyo natwe tujamwo kugira ngo amakungu yose ahayagize umukenyezi ko ashoboye kandi ashoboye n’ivyo vyitwa ko ari vy’abagabo kubera twese Imana yaturemye kumwe. Rero reka nducuruze itaranto Imana yaduhaye tuzobona umusaruro nitwacuruza tukageza kumusozo. »