Umunsi wahariwe abakenyezi si umunsi wo kugumuka kubagabo. 

Mu ntumbero yo guhimbaza umunsi mukuru wahariwe agateka k’abakenyezi, ishirahamwe Greenland Alliance ryari riramutse rirabira hamwe, ivyaranguwe mu gushigikira abakenyezi bagera ku 80 b’amikoro make bo muma karitiye ya Kibenga, Gisyo, Mugoboka na Buterere. Abo bakenyezi bakaba bahurikiye mu mirwi 4 yiswe BIHINDUKE. Bafashijwe na Greenland Alliance, bakaba barashoboye kuronswa inyigisho zijanye no kuziganya no kuguranana, bongera bararonswa ingurane y’amafaranga ibihumbi mirongo umunani umwe umwe hamwe n’udukarata two kwivurizako.  Vyo bikorwa bikaba vyabaye kuri uyu wa 08 ntwarante mu kigo ca Centre Suédois i Bujumbura.

Acher Niyonizigiye Arongoye ishirahamwe Greenland Alliance agira ati:  “Hari abakenyezi bahimbaza umunsi mikuru batazi insiguro yawo. Bamwe bawufata nko kugumuka kubagabo, ariko si vyo. Ni umunsi wo kwibuka ko umugore nawe afise uburenganzira nk’abandi”. Ivyo ngo bikaba vyavuye ko hari igihe abagore barenganywa amaso mu yandi, bagakora akazi kamwe n’abagabo ariko ntibahembwe amafaranga amwe, ntibemererwe gutora n’ibindi.

“Uyu munsi rero, ni umunsi mukuru wo kudufasha kwibuka ko hariho uburenganzira natwe dufise nk’abagore kugirango ntitwemere akarenganyo gatuma twakwa uburenganzira bwacu”, niko A. Niyonizigiye abivuga.

Abo bakenyezi barashima intambwe bagezeko.

Biciye mu dukino hamwe n’intahe bashinze, abo bakenyezi baremeza ko ishirahamwe Greenland Alliance rimaze kubafasha ibitari bike.

Sabimana Marie Goreth wo mu Buterere ya 2, avuga ko areze abana batanu kandi wenyene kuko umugabo yabamutanye. Imbere yokuja muri Bihinduke, avuga ko bitari vyoroshe kuronka ikibatunga kuko yafungura aruko yiriwe guca ingero mu kurima agahembwa amafaranga igihumbi gusa ku munsi. “Greenland imaze kuduha agatahe k’ibihumbi mirongo umunani (80.000 fbu), naciye nja kurangura impuzu. Kubera ntari mfise mafaranga yo kuriha ikibanza naca nza ndatembereza. Mumezi atandatu yonyene nari mpejeje kuyariha”. Sabimana avuga ko uyu munsi atokwidoga akaba amaze kugura inkoko indwi akaba yipfuza no gushika aho yigurira iparasera.

Ntakirutimana Aisha nawe wo kumugoboka, avuga ko imbere yo kuronka ingurane, yari asanzwe adandaza amavoka. Akaba yashobora kuronka inyungu y’ibihumbi bitanu canke bine gusa. Ariko ubu akaba yaciye atangura kudandaza impuzu akavuga ko ashobora kuronka nk’inyungu y’ibihumbi mirongo itatu canke 40. Uyu munsi Aisha akaba amaze kwigurira aga parasera nkuko avyemeza.

Guhura nk’abagore rimwe mumwaka bidufasha iki?

Acher Niyo nizigiye avuga ko muri iyi myaka turimwo hariho ivyiza vyinshi vyakozwe. Uyu munsi rero guhurira hamwe si akaryoko kwidoga canke kwihora kuri ako karenganyo kagiye karakkorerwa abakenyezi, ahubwo ni akaryo ko gushima ivyo vyiza bihari, hanyuma turabe ko twoshika kuvyiza  vyinshi twipfuza.

Iyi bavuze ukungana, ni ukungana imbere y’amategeko. Nimba umugabo afise uburenganzira bwo kugira ikonte muri Banki, nawe ugire ayo mahirwe.

Acher asaba abo bakenyezi kwitaho kumenya amategeko, bitegurire kuja munzego bemerewe. Ariko avuga ko iyo iyo ugiye muri izo nzego uri umukene, uca utangura kurya ibiturire. Agira ati: “Banza witunganye kuburyo batazoza kugukangisha uduhera kuko basanze ushoboye kwigaburira.”

Ibintu bitanu abakenyezi basabwa mu ntumbero yo guhanurana.

1. Kumenya amategeko.

Acher agira ati: “Biroroshe kurenganya umuntu atazi amategeko. Ariko biragoye kandi kurenganya umuntu azi amategeko.” Abasaba kwitaho kumenya amategeko agenga ingo n’imiryango kuko abenshi babaho batayazi bigatuma barenganywa kandi bitari bikwiye.

2. Gukomeza ibikorwa bariko murakora.                     

Muravye aho mwavuye mukaraba aho mugeze, muremeza ko gutera imbere bishoboka. Gutera imbere si ukuroonka amafaranga menshi, ni ukuva aho wari uri ukaja kuyindi ntambwe. Gutera imbere birashoboka ariko kandi birasaba ibikorwa.

Mwirinde amafaranga yihuse ataburuhe burimwokandi atabikorwa birimwo.  Mubandanye mwitanga ntimucike intege kuko uwudacitse integer ashobora gushika kubintu vyinshi abenshi batari bibaza ko bishoboka. Komeza ibikorwa  hamwe n’ubwizigirwa. Ivyo bizotuma mwizigirwa, mbere Greenland izobaherekeza  kugira muronke ingurane muri Banki y’abakenyezi BIDF

3.  Kwitwararika abana babo.

Abasaba kurerana indero nziza abana babo maze bazobe mu buzima bwiza kuruta ubwo bakuriyemwo.

4. Abo Imana yateye iteka bakaronka ingo baze bazibungabunge. Agateka k’umugore ntigahagaze kugusambura urugo, ahubwo hahagaze mu kurubungabunga.

5. Mwitwararike gushira ubuzima bwanyu kurutonde. Mube abantu bubaha amategeko, abantu bagendera imico myiza. Ntimuze muharanire kungana n’abagabo. Ahubwo murabaruta muri vyinshi. Ico mukwiye kugwanira ni ugukingirwa nk’abagabo.