Umwuga w’abakirizi b’abakenyezi mu Burundi,impinga iracari ndende

Uko umwaka utashe, igenekerezo rya 5 Rusama isi yose irahimbaza umusi mukuru wahariwe abakora akazi ko kwakira abakenyezi bibungenze mu gihe bariko baribaruka. Mu Burundi wahimbajwe kuri uno wa gatanu.Abakorera muri ico gisata basaba ko hongerezwa igitigiri cabo kubera ari bake,mu bushikiranganji bw’amagara y’abantu bavuga ko bazoza barabongereza bukebuke biciye mu gutanga ubuzi.

Icivugo c’uno mwaka kivuga kiti:”Abakenyezi barakeneye abakirizi kugira bagire  amagara meza. Harakwiye gushirwa inguvu nyinshi mu gisata c’abakirizi.”

Itohoza ryerekeye amagara y’abanyagihugu ryakozwe mu 2017 ryerekana ko ku bakenyezi ibihumbi 100 bibungenga, abangana 334 babura ubuzima bahitanywe n’imbanyi.

Iryo tohoza nyene ryerekana ko abana 23 ku gihumbi ari bo bitaba Imana ku mwaka .Nayo mu nteguro y’ishirahamwe mupazamukungu ryitaho amagara y’abantu bisabwa ko ku bantu 5000 haba uwize ivyo kwakira abavyeyi abakurikirana ariko i Burundi, ubushakashatsi bwerekana ko umwakirizi umwe akurikirana abantu ibihumbi mirongo itanu ari umwe. Tubisanga mw’itohoza EDSB (Enquête Démographique et de la Santé) ryo mu mwaka w’2017.

Hariko hakorwa iki kugira ivyo bihinduke?

Emelyne Iyizire ni umukenyezi umwe mu bakora umwuga wo kwakira abavyeyi agira ati:”: Abakirizi barakenewe haba mu bitaro bikuru, mu mavuriro mato mato mbere no mu kibano barakenewe ariko baracari bake mu kazi. Ni igiki kiriko kirakorwa mu bushikiranganji butujejwe kugira ivyo bihinduke?”

Kuri iyo myitwarariko yose, Jean Baptiste Nzorironkankuze,umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwen kubungabunga amagara y’abantu no  kurwanya SIDA amenyesha ko ubushikiranganji bwitwararitse  ivyo bibazo vyose. Vyaba ivyerekeye abatakaza ubuzima mu kwibaruka hamwe n’ubuke bw’abakozi bakorera mu kwakira.

Asigura ko reta izobicisha mu gutanga akazi ku bakozi bunganira abasanzwe ku mirimo kugira ivyo bitigiri bizoshike muri 2030 vyaragabanutse .

Mu Burundi , umwuga wo kwakira abakenyezi ukaba umaze imyaka 17 utanguye.