Amahinguriro ni karahara mu ruganda ntibacure mw’iterambere ry’igihugu.
Ku civugo kigira giti ” Tugwize akazi n’amashirahamwe y’abikorera ivyabo tubicishije mu guha agaciro ivyakorewe i Burundi”, umushikiranganji wa mbere, Alain Guillaume Bunyoni yuguruye kuri uno wa mbere Ruhenshi indwi yahariwe amashirahamwe n’ibikorwa vy’ihayanisha-gurisha rigira kane biriko birabera ku kibuga Intwari mu gisagara ca Bujumbura, mu kiringo c’imisi cumi. Amashirahamwe arega 100 akaba yararonkejwe ibibanza azokwerekaniramwo ivyo bahingura. Ivyo bikorwa bikaba vyatunganijwe n’ubushikiranganji bw’ubudandaji, ikigo API hamwe n’ishure kaminuza ISGI.
Uwutiye agahuzu akishikira neza na neza aho ihayanisha-gurisha ririko rirabera ntiyoreka kwibaza ko bimwe mu vyerekanwa ari ivyavuye mu Bushinwa, Iburaya, Amerika n’ahandi ariko ubajije neza si vyo. Amashirahamwe ahingura ibinyobwa, vyambiye n’ibitambiye , ayahingura amazi meza, ayahingura ibifungurwa, ivyambarwa, ibikoresho ndangakaranga n’ibindi, yose aremeza ko ivyo bahingura babihingurira hano iwacu mu Burundi.
Ihayanisha-gurisha rigamije iki, riri mugambi uwuhe ?
Umushikiranganji wa mbere Alain Guillaume Bunyoni avuga ko ihayanisha-gurisha ari akaryo keza ko kumenyekanisha ibihingurirwa hano mu Burundi, kugirango abarondera hanze ibidandazwa bisa n’ivyo Uburundi bufise, bamenye neza ko bisanzwe biriho, hanyuma basumire hano mu gihugu cacu.
Jérémie Banigwaninzigo, umunyamabanga mukuru mu bushikiranganji bw’ubudandaji akaba ari nawe yaserukiye ubwo bushikiranganji, amenyesha ko mu gutunganya iryo hayanisha-gurisha n’indwi yahariwe amashirahamwe, bipfuje gushira mungiro intumbero y’umugambi w’imyaka 10 w’iterambere w’igihugu wa 2018-2027. Akavuga ko bashaka gukora ibishoboka vyose kugira mu mwaka wa 2027, igihugu cacu ntikizobe kigiharugwa mu bihugu bikenye. Akavuga ko mu kubishikako ivyo, bizoca mu kugwiza umwimbu, mu guhingura neza ivyimburwa, mu kuvyongerereza agaciro, mu kugwiza akazi no kuronsa umurundi wese ivya nkenerwa bimufasha kubaho neza.
Kugwiza umwimbu, umurundi wese ategerezwa gushiramwo ukuboko.
Umushikiranganji wa mbere agira ati: ” Dutegerezwa guhindura ingendo, tumenye ko kubaho neza kwa twese abarundi ari kugwiza umwimbu, tukanagirako tukawuhingura kugirango tugwize ubutunzi bw’igihugu, habonekane amahirwe, abarundi baronke n’akazi. Ni igihe rero co gushira inguvu nyinshi mw’ihingurwa ry’ivyo twimbura, no kunonosora ibijanye no gutegura, gushinga no gutunganya neza amashirahamwe.“
Avuga kandi ko abagwizatunga n’abashinga amahinguriro batoronka ivyo bahingura ata mwimbu wabonetse, abarimyi batavuye hasi ngo bakure amaboko mu mpuzu ngo barime, isi nayo ibahe ivyimburwa, aborozi batoroye, umyuga itandukanye batayikoze.
Vyongeye, nk’uko umushikiranganji wa mbere abandanya abishikiriza, “umugwizatunga si ukuvuga uwo wenyene yateye imbere canke afise uburyo bwinshi gusumba abandi. Kuko, buri musi buri musi, nta murundi n’umwe atagwiza itunga. Uwo ari we wese arakorera urugo, agakorera igihugu, agateza imbere umuryango. Aho aba ariko aragwiza itunga. Iyo agiye kurima, iyo ariko arorora, iyo ariko arakora imyuga itandukanye, aba ariko araduza itunga ry’igihugu kuko ni vyo biheza bikavamwo amakori, bikavamwo ama tagisi atuma Reta nayo ikora imigambi y’iterambere.“
Atera akamo uwariwe wese kugwiza amasaha y’akazi.
Ata mahinguriro, nta terambere.
” Nta gihugu gishobora gutera imbere kidafise ivyo kidandaza mu gihugu hagati, n’ivyo gihingura, n’umusesekara giheza kigahingura kigashorera hanze. Muri ico gihe turaheza tukaharonkera amafaranga y’agaciro iyo dushoye hanze. Muri ico gihe kandi, amafaranga y’agaciro twahora dusohora mu kuja gusumira hanze, araheza akagabanuka, agakora iyindi migambi y’iterambere. “
Avuga ko kubona ihayanisha-gurisha ryitabwe n’abantu benshi ari ikimenyamenya c’uko abarundi bumvise akamo ka Reta ko kugwiza amashirahamwe, ama koperative kugira barwize umwimbu, bawuhingure.
Ariko n’aho biri uko amashirahamwe aracari make nk’uko abandanya atera akamo. ” Birakwiye ko abandi barundi canke abanyamahanga bijukira gushinga amashirahamwe yo guhingura ivyo twimbuye.“
Avuga ko kugwiza be n’ayo mashirahamwe arivyo bizotuma akazi kiyongera, gutyo urwaruka ruronke akazi ku bwinshi, amarigara atuzwe, n’ikibazo c’ubushomeri n’ubukene kibe umugani mu gihugu cacu.
Asaba amashirahamwe kugwiza ubushakashatsi, kugira ahingure ibidandazwa vyiza, ahingure ibidandazwa bigezweho haba ivyo dufungura canke ibindi bidandazwa vyankenerwa dukoresha imisi yose.
Ibihingurirwa hano iwacu bikwiye guhabwa agaciro.
Jérémie Banigwaninzigo asaba abarundi guhurumbira ibidandazwa bihinguriwe hano iwacu ha guhurumbira ibivuye hanze : ” Ingendo nk’iyi ikwiye guhinduka hagakoreshwa ku rugero n’imiburiburi rwa 80% ivyo twihingurira twebwe nyene, na cane cane ivyo dukenera ku musi ku musi.”
Ihayanisha-gurisha ry’ibihingurirwa hano iwacu, ubu rigeze ku ncuro ya kane, rikaba ryatanguye mu mwaka wa 2017 ariko mu mwaka uheze rikaba ritabaye. Ivyo Umushikiranganji wa mbere, Alain Guillaume Bunyoni yizeza abarundi kutazosubira gusiba.