iyimurwa ry’ibituro vy’abiyunguruza i Bujumbura: bamwe bararira abandi bakaririmba
iyimurwa ry’ibituro vy’abiyunguruza : bamwe bararira abandi bakanezerwa
Uburongozi bw’igisagara ca Bujumbura buherutse gufata ingingo yo kwimura ibituro vy’abiyunguruza baja mu bumanuko. Vyajanywe kw’isoko ya zone Kinindo. Ni muri komine Muha. Iyo ngingo hari abo yaraye ikozeko, abandi nabo barayishima.
Hagati mu gisagara ca Bujumbura. Inyuma y’ahahoze isoko, isaha zibiri z’agatondo. Ikibanza cahoramwo imodokari zunguruza abantu n’ibintu zerekeza mu ntara ya Rumonge, Nyanza-Lac na Mabanda (mu ntara ya Makamba) kiragaragara. Imodokari ndende (coaster) zajayo nta n’imwe iharinta modokari n’imwe ihari. Abakenyezi bamwe bamwe mu bahora bahadandariza amazi yo kunywa, ni ho bicaye, barangura umurimo wabo. Abadandaza imikate, ibiyoba, ntibabonekaho.
Ni na kwo biri kuri station King Star mu Kanyosha, muri komine Muha nyene.
Uwuvuze ko akeneye izija muri iyo mihingo twavuze inyishu aronka ni imwe: “bimukiye kw’isoko ya Kinindo.”
Ingingo yakuyeko agashambara abari bihishije
Ubushikiranganji bw’intwaro yo hagati mu gihugu, iterambere rusangi n’umutekano buherutse gufata ingingo yo gukura ku bituro abakokayi. Bwabagiriza “kwegeranya amahera atagira insiguro”.
Bamwe muri abo barahevye uwo mwuga. Abandi n’abo bakura umwambaro w’ubururu bahora babonekamwo, maze baribandaniriza ukuri kwamye. Abo rero bahora baboneka kuri ivyo bituro vy’imodokari zifata ibarabara ry’igihugu rigira gatatu.
Hamaze gufatwa ingingo yo kwimurira ivyo bituro kw’isoko ya Kinindo, nta co binona. Bamaze gushikayo basanze vyahindutse: hashizweho indinganizo nshasha. Iyo nayo, ni iy’uko abakiriya bigurira ubwabo amatike, imbere y’uko bafata urugendo. Ku kaba nk’ako, izo modokari zunguruza abantu zifata irya Rumonge (nk’uko bahavuga), zifise akaranga ka Agence: Agence Rumonge, Agence Buragane, Luba Express. Mu mwambaro ugomba gusa n’urwatsi rutoto, amatike mu minwe, ikaramu mu kundi kuboko, hari abakozi bashasha bakira abiyunguruza.
Umwe muri abo bakoyayi ati :” Sinzohagaruka kuko badufatiye ingingo ikomeye. Nta co nzosubira kuharonka. Ngiye kurondera agatahe, ncuruze utuntu aha nyene ndabe uko nobaho, baradufukuye”.
Abandi bo ni umunezero
Abahora bakorera urudandazwa rw’imikate, n’ibiyoba, bamwe bakurikiye izo nya Rumonge, gukorera mu Kinindo. Bavuga ko bakora bisanzuye. “Abapolisi bahora batwirukako, ukaza wumva yagufashe utabizi. Atagupfunze, yagutwara ibintu ukabigomboza amahera menshi. Aha ariko dukora twisanzuye”.
Abo bakora ibikorwa vyo kwiteza imbere bizera ko hagiye kuboneka akarusho mu kubaho kwabo.
Ku ruhande rw’abiyunguruza, nta ngorane nini ihari. Basigura ko n’ubundi hari abahora bava hagati mu gisagara ca Bujumbura bakaja gufatira ingendeshwa kuri station King Star muri zone Kanyosha. Bati ntacahindutse kinini.
N’aho biri ukwo, baranegura ingendo y’abo bunguruza abantu n’ibintu bagenda barapakira inzira yose. Ku bwabo, nimba izo modokari zihisemwo gukora nk’izindi agence (Volcano, Memento, Gibuco, …), zategerezwa kudapakirira mu nzira abadahabwa itike nk’abazironkejwe bacuririra ku bituro.