Ni gute umuvyeyi yofasha umwana yayobewe mw’ishure ?

Ukuyoberwa kw’umwana mw’ishure birababaza umwana  eka n’umuryango muri rusangi. Muri ico gihe, ukuntu abavyeyi bifata imbere y’umwana birashobora kugira ingaruka nziza canke mbi ku mwana mu bijanye no kwitegurira umwaka w’ishure ukurikira. Muri iki gisomwa, abahinga mu bijanye n’inyifato baratanga impanuro z’ingene abavyeyi bovyifatamwo.

 Claude, ni umunyeshure yiga mu mwaka wa gatanu w’amashure matomato mu ntara ya Makamba. Igenekerezo rya  2 Mukakaro, kw’ishure Claude  yigako niho bari baramutse bavuga amanota y’igice ca gatatu. Nk’uko bisanzwe, ico gice niho umwe wese amenya ko azokwunguruzwa mw’ishure rikurikira canke yayobewe. Ico gihe, abambere baba bari mu munezero udasanzwe, abandi nabo mu mubabaro. Ivyo ni vyo vyashikiye Claude kuko yasanze yayobewe.  Ashitse i muhira, abavyeyi baramubajije amanota yaronse ababwira ko yayobewe. Mama wiwe amaze kuvyumva, yatanguye kumutukagura, amubwira ko yishinga gusamara, ko ataco azovamwo, n’ibindi. Claude ayo majambo yaramubabaje cane, mbere no muhira  nta nakimwe bakimutuma ngo yemere, aguma ahiga ko n’ayo mashure azoca ayaheba. Muri kino kiruhuko mbere yaciye yigira kwicira amahera mu gihugu ca Tanzaniya nti baziko azogaruka kw’ishure.» 

Kwizera Noël, umuhinga mu vy’inyifato akaba  arongoye ishirahamwe APSM Mpagaciro rijejwe guteza imbere amagara yo mumutwe hamwe n’inyifato amenyesha ko mu kibano, hari inyifato  zibangamiye abavyeyi mbere n’abana. Iyo umwana yayobewe, umwana arababara, eka mbere n’umuvyeyi arababara. Muri ico gihe, abavyeyi bamwebamwe ngo  baritwara uko bitabereye. Hari abaca bagatangura kuryagagura abana, bakababwira amajambo mabi ko ari ikijuju, ata bwenge agira, ndetse n’amahera bamutangira yapfuye ubusa. Hari  mbere n’abakubitwa. Hari n’igihe mbere batangura kumubwira ko batabona n’akamaro ko kuja kw’ishure, ko yopfuma aguma muhira agakora utundi dukorwa.

Mugihe umwana yayobewe na hakiyongerako guturubikwa, Kwizera avuga ko uwo mwana ashobora gushikirwa n’ingaruka mbi zitari nke:

« Hari  abavyeyi bacibaza ko umwana iyo yayobewe, umutukaguye ariho yoca amenya.  Abavyeyi bakwiye kwitondera  amajambo  babwira abana babo Kuko no mu Kirundi bavuga ngo umuvumo urakurikira. Iyo umwana abwiwe ko ari ikijuju, aravyakira ahubwo akunva ko atakundi ari ukonyene bimeze.  Ingaruka mbi rero ziza ku mwana ni uko ubumenyi bugabanuka kuko mu bwenge bwiwe aba azi ko ataco ashoboye ».

Yongera ko ko kw’ishure atari ukwiga indome gusa, ahubwo ariho ategerezwa gutegurira ubuzima bwa kazoza.  “Erega kuja kw’ishure si ukwiga indome gusa. kwiga ni ubuzima. Iyo ubwiye umuntu ariko ariga ingene azotorera inyishu ibibazo vy’ubuzima bwiwe bwa kazoza ugaca umubwira ko ari ikijuju, uba uriko uramwicira ubuzima.”

Imvo zituma abana bayoberwa mw’ishure ni izihe?

Ico abavyeyi bakwiye kumenya, ni uko ibituma umwana ayoberwa mw’ishure bitava kuri we gusa. Ahubwo ngo borabira mu mpande zose nkuko Kwizera Noël, umuhinga muvy’inyifato abandanya abivuga.

“Bimwe mu bituma umwana ayoberwa hari ingene abayeho mu kibano. Biravana n’ingene afashwe canke n’ingene amagara yiwe yifashe. Ikindi ni ukuntu ishure yigako rimeze. Hari n’igihe rero usanga biva ku mwana ubwiwe (facteurs internes).  Ugasanga umwana ubwiwe ari muvyo adashaka. Hari ikindi gikomeye aho  ugasanga  umwana afise akagorane kajanye no kwiga (trouble de l’apprentissage) ariko abavyeyi nti babimenye. Birakenewe rero ko abavyeyi bagendeza ko uko umwana akura bijana n’urugero rwubwenge. « Nk ‘umwana amaze gukwiza imyaka itandatu, atarashobora kumenya  gufata ikaramu ngo yandike, abavyeyi baba bakwiye guca bitura abahinga. » 

Ni  uruhe ruhara rw’umuvyeyi mu gufasha umwana yayobewe ?

Uwo muhinga mu vy’inyifato amenyesha ko iyo umwana yayobewe mw’ishure, uwambere wo kumufasha ari  umuvyeyi :

Icambere umuvyeyi abwirizwa gukora ni ukumwereka urukundo  no kumutera intege.  Muri ico igihe iyo umuvyeyi amubaye hafi, akamwihanganisha maze akamwereka ko azobikora neza ku wundi mwaka, umwana arumva ko aronse inguvu. Ariko iyo aciye amuturubika, umwana asa n’uwukozweko incuro zibiri.

Icakabiri ni ukwumviriza umwana no kumuganiriza kubijanye no kuyoberwa kwiwe. Umuvyeyi ategerezwa kumva ico yibaza cabitumye maze nawe ukamuha impanuro z’ukuntu yokwifata.

Ikindi co gukora ni uko umuvyeyi  yokwegera  abarezi, bakamubwira uko umwana wiwe yitwara kw’ishure bakabiganirako  kugira bamenye umuti botorera hamwe mu gufasha umwana. Mu Burundi, abavyeyi ntibitaho uwo mugenzo wo kuja kubaza umwigisha ingene umwana yitwara. Abenshi babikora basa no kuja kwagiriza abana amakosa bakora muhira canke bakagenda ari uko batumweko n’abigisha ku makosa aba yakozwe n’abana.

 Abavyeyi rero ngo bari bakwiye kugira umugenzo  wo kuvugana hagati y’inyabutatu (umuvyeyi-umwigisha –umwana) kuko umwimbu w’ukumenya kw’umwana ushingiye kuri iyo nyabutatu.