Mfise imyaka 16. Naruriye ikiduga kinini ngenda ndacenenako kinshikana i Bujumbura ngiye kurondera ubuzima bwiza. Nibera mw’ibarabara kumwe n’abandi bana, nsega kugira ndonke uko nobaho.
Haheze ikiringo c’ukwezi, umuntu w’umugabo yaranyegereye, ansaba ko noba umukozi wo mu nzu iwe mpembwa ku kwezi, nemerewe guhembwa amafaranga angana na 25 000 BIF ku kwezi. Naravyemeye.
Namaze amezi 6 nkora ntahembwa. Yari yambwiye ko anzigamiye agahembo kanje ntihagire ico kaba. Ariko igihe nariko ndasaba agahembo kanje naciye mboba apolisi bashwaye mu rugo, bavuga ko databuja anyagiriza gufata ku nguvu umukobwa wiwe wimyaka itatu.
Ivyo vyarantesheje umutwe ndabura ico mfata n’ico ndeka.
Nta caha niyagiriza ariko baramfashe banjana mu gasho k’abana. Inyurma y’amezi atatu, ishirahamwe ry’abagiraneza niryo ryaje kumfasha. Baranteze amatwi ndabiganira Hanyuma baraheza bandonderera abunganizi muvy’amategeko kugira bakurikirane urubanza ewananje. Umucamanza yahavuye yemeza ko ata caha kinyagira ndaheza ndarekurwa. Iryo shirahamwe ry’abagiraneza ryaranamfashije gusubira kuborana n’umuryango wanje. Ryarampaye ubufasha bwo kuruhuka mu mutima ryongera rinyigisha ubuhinga bwo kubaza kugira ngo nzoshobore kuronka akazi ni nakura.