Reta yiyemeje kubandanya ishigikira abarimyi b’ikawa.

Abarimyi b’ikawa bagiye kuronswa ifumbire barishe ibice mirongo ine kw’ijana (40%) Reta ikabarihira ibice mirongo itandatu bisigaye (60%). Vyongeye n’imivyaro izoterwa n’imiti n’ibikoresho bitangwa ku buntu. Ivyo ni ivyamenyeshejwe n’umunyamabanga…

Batatu mubize igisata c’amategeko mu buryo bushasha binjiye mu rwego rw’abashingwamanza

Inyuma y’igihe  kitari  gito ishirahamwe AVSPDD risaba ko urwaruka rwize igisata c’amategeko ca Kaminuza mu ntunganyo nshasha ya Baccalauréat bokwinjira mu nzego z’amashingwamanza. Umurwi ugira kabiri ugizwe na batatu muri bo…

Gihanga: ishirahamwe S.R.D.I ryoba ririko rirananiza amakoperative

Ayo makoperative ni ayakorera mu bisagara bitandukanye bita ama villages. Ni muri komine Gihanga, intara ya Bubanza, mu burengero bw’Uburundi. Abaserukira ayo makoperative basigura ko bafise ingorane zishobora gutuma basubira…

Nyabiraba: umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD ku mutumba yatanze imihoho

Mbonimpa Juvénal, ni umunyamabanga w’umugambwe Cndd-Fdd ku mutumba #Raro. Ni muri Commune Nyabiraba mu ntara ya #Bujumbura . Yaraye atanze imihoho muri ayo mabanga. Imvo n’imvano yo gutanga imihoho muri…

Russie na Ukraine vyoba biriko birumvikanishwa n’ubumwe bw’Afrika

Macky SALL , yarabonanye n’umukuru w’igihugu c’Uburusiya, hari kuri uwu wa gatanu. Uwo  umukuru w’igihugu ca Sénégal akaba anarongoye umuryango w’ubumwe bwa Afrika, African Union . Inyuma y’umubonano bagiranye, yamenyesheje…

Sosumo: aba grossistes fatanywe isukari mu Rumonge bategerezwa gusubirizwa

Hari amatoni arenga atatu y’isukari yafashwe kuva mu mpera z’indwi iheze, mu gisagara ca Rumonge (ubumanuko bushira uburengero bw’Uburundi). Bamwe mu bafatanywe iyo sukari, yari inyegejwe, ni abayikura muri Sosumo…

Muri ABER barahakana ko ata sesagurwa ry’itunga  ririko riraba

 Inyuma y’inkuru zigize iminsi zica ku mbuga ngurukanabumenyi zivuga ibijanye n’isesagurwa ry’amafaranga  cane cane mw’itangwa ry’amasoko mu kigo kijejwe gutanga umuyagankuba mu gihugu hagati ABER, umuyobozi w ’ico kigo yemeza ko…

ANACOOP: hasubijwe amahera bivugwa ko yari yanyurujwe

Inyuma y’amakuru twabashikirije ku mafaranga yanyurujwe mu kigo ANACOOP (Kijejwe gukurikirana uko amakoperative akora mu Burundi). Ayo mafaranga arenga gato imiriyoni amajana abiri yoba yaramaze kwemerwa, mbere aranasubizwa. Amakuru ava…

Bujumbura: du matériel volé à la régideso saisi

La direction générale de la régideso a saisi ce mardi, une quantité importante de matériel qui avait été volé en ce magasin. Les faits se déroulent à la 21 ème…

Burundi: imiriyoni zirenga 250 z’amafaranga y’Amarundi zoba zaranyurujwe muri ANACOOP

Bamwe mu bakozi b’ikigo kijejwe gukurikirana uko amakoperative akora mu Burundi (ANACOOP) baragirizwa kuba baranyuruje amafaranga arenga imiriyoni amajana abiri na mirongo itanu z’Amarundi. Ayo mafaranga yari agenewe gukarihiriza ubwenge…