Batatu mubize igisata c’amategeko mu buryo bushasha binjiye mu rwego rw’abashingwamanza

Inyuma y’igihe  kitari  gito ishirahamwe AVSPDD risaba ko urwaruka rwize igisata c’amategeko ca Kaminuza mu ntunganyo nshasha ya Baccalauréat bokwinjira mu nzego z’amashingwamanza. Umurwi ugira kabiri ugizwe na batatu muri bo barahiye imbere y’amategeko ngo barujemwo .Vyabereye i Bujumbura. Abo binjiye mu mabanga barabishima bagahamagarira abandi bize muri ubwo buryo bipfuza kwinjira ko bokwiza ibisabwa maze bajayo

Abahungu babiri: Venant Niyonizeye na  Sadiki Nkurunziza hamwe n’umwigeme Raleigh Flora Nyandwi nibo barahiye imbere y’amategeko kuri uno wa kane igenekerezo rya 14 Mukakaro 2022 muri sentare isubiramwo ya Mukaza.

 Venant Niyonizeye yahejeje igisata c’amategeko muri kaminuza y’Uburundi amenyesha ko   ari umunezero kubona arahiye imbere y’amategeko kuko ngo bari babiharaniye kuva kera. Avuga ko haciye imyaka 7. Ku kijanye n’ubumenyi afise nk’umushingwamanza mushasha , Venant yemeza ko bukwiye. Arongera ko ata nkeka azorangura neza uwo murimo.

Nayo Raleigh Flora Nyandwi, umwigeme wa mbere yize imyaka 3 yashoboye kwinjira muri urwo rwego ahamagarira abandi bigeme babifitiye uburenganzira buzuze ibisabwa n’amategeko maze binjire nabo mu bushingwamanza baterere mu gutunganiriza ababitura. Kubwa Flora ngo nta makenga afise ko bizomugora gukora ngo ni uko ari umwigeme. Abona ko azokoresha ubuhinga yigishijwe kuri kaminuza yitiriwe ikiyaga Tanganyika.

Ni ayahe mabanga umushingwamanza ashobora gushingwa?

Jean Paul Nshimirimana, yigeze kuba arongoye ishirahamwe ryishinze kumenyesha amategeko abanyagihugu avuga ko umushingwamanza ashobora guserukira umuntu asanzwe mu mburano imbere y’amategeko mu gihe afise urubanza mu butungane, ikindi ni uko ashobora kuba umushingwamanza wa Reta iyo igihugu kimwizeye . Nk’uko kandi bivugwa n’uwo yize ivyigwa vy’amategeko, umushingwamanza, ngo amashirahamwe arashobora kumuha igikorwa akaba  mu vy’amategeko.

Abarundi benshi ngo ntibazi amategeko, AVSPDD risaba ko hongerezwa abashingwamanza

Kuri uno musi hinjiye bashasha bize amategeko mu buryo bushasha, Jean Paul Nshimirimana arashimira abarongoye urwego rw’abashingwamanza b’i Bujumbura ko bemeye gushira mu ngiro ingingo yashinzwe n’ubutungane. Ku kijanye no kwunganira abarundi mu vyo kumenya amategeko ariyo ntumbero avspdd ryihaye, Nshimirimana asaba ababijejwe ngo bafashe kugira inzego z’abashingwamanza zugurugwe no mu zindi ntara nka Makamba, Bururi na Ngozi aho abona ko vyogabanya ingendo z’abanyagihugu bafata iyo bakeneye z’abashingwamanza i Gitega canke i Bujumbura.