Gihanga: ishirahamwe S.R.D.I ryoba ririko rirananiza amakoperative

Ayo makoperative ni ayakorera mu bisagara bitandukanye bita ama villages. Ni muri komine Gihanga, intara ya Bubanza, mu burengero bw’Uburundi. Abaserukira ayo makoperative basigura ko bafise ingorane zishobora gutuma basubira inyuma hamwe zitotorerwa umuti. Abo banyamakoperative bigana bati

  • Uko umuceri weze, S.R.D.I yihutira gutoza ibiro amajana atatu vy’umuceri ku murima wose warimwe. Itwara ibiro 230, igasigaza ibiro 70. Uwo muceri, ico kigo gisigura ko ari wo uzovamwo amafaranga azofasha gusibura imigende y’amazi avomera indimo z’imiceri, no gusibura amabarabara yo muri iyo mirima.

Ikibabaje, n’ivyo biro 70 iryo shirahamwe S.R.D.I ngo rigiye kubitwara vyose. Abarimyi bavuga ko n’ivyo biro S.R.D.I itoza vyogabanuka kuko batabona ico biza gufasha.

Muri ayo makoperative babona ku ruhande rumwe ko bizoca bibagora uko babandanya imirimo, ku rundi ruhande bakavuga ko ari ubunyonyezi budasanzwe. Umwe mu bo twavuganye agira ati “hari uburinganire burenga amahegitare ibihumbi bine, S.R.D.I itozako iyo miceri, hatarajako ahandi hatazwi kandi hatozwa amahera atanandikwa“.

  • Amakoperative ntaronka ivyo yategerezwa guhabwa na SRDI

Ico kigo categerezwa kuronsa ama koperative amazi yo kuvomera, kikanakora amabarabara ariko si ko bigenda. S.R.D.I ngo yoba imeze nk’umworozi akama inka ico atayigaburiye: abarimyi ni bo bimenya mu kugura imiti, ifumbire n’ibindi vya nkenerwa, ariko S.R.D.I yo ikaza itoza ivyo biro vy’imiceri batabona ico bikora. Abo barimyi baranidoga ko bibagora cane kuronka ifumbire, bikanatuma ibikorwa bimwe bimwe bicererwa.

  • Iduzwa ry’uburinganire bw’indimo mu buryo burimwo igipfungu

Abo muri ayo makoperative bavuga ko batangaye bagiye bumva abarimyi bafise amatongo yo kurimamwo imiceri babwiwe ko ayo matongo yiyongereyeko uburinganire. Ivyo, abafundi ba S.R.D.I ngo ni bo bagiye mu matongo gupima batabwiye ba nyene amatongo. Aha, muri ayo mashirahamwe bakaba bamenyesha ko ari intandaro yo kwongereza ivyo batoza kuko baraba uburinganire bw’umurima. Ku mafishe twashoboye kuronka, biraboneka ko hari ibiharuro vyagiye vyongerwa ku metero zari zisanzwe zihari.

Abo bari mu makoperative basaba ko ivyo vyose vyosubirwamwo kuko ari amanyanga.
Basaba kandi ko bokwigenga mu bikorwa vyabo. Baremeza kandi ko abarongoye ayo makoperative batagishwa inama mu ngingo S.R.D.I ifata.

Umuyobozi mukuru wa SRDI ntituramutora kugira ngo gire ico ashikirije kuri ivyo vyagirizwa iryo shirahamwe arongoye.

N’ubwo biri uko, abarimyi barashima ko ikigo ANACOOP cafashije kugira amakoperative amenye kwitunganya mu kwishiriraho indongozi n’abanyabigega. Bakaba bidoga ariko ko S.R.D.I ica iza gusubiza inyuma uwo mugambi w’amakoperative bivanye n’ingingo ifata. Basaba ko ANACOOP yokomeza gufasha kugira uwuhurikiye muri Coopérative abone akarusho.

Indongozi nshasha z’ayo makoperative ngo zashikiye mu bibazo vy’amafranga ataboneka ariko akishuzwa nama microfinance, abanywanyi bakavuga ko bayishuye bakerekana naho bayarihiye ( reçu).