Nyakabiga : Abanyagihugu barabandanya kubonesha zone yabo

Mu ntumbero yo kubandanya bashira mu ngiro umugambi wa komine Mukaza wo kugira Mukaza yakaka, abanyagihugu bo muri zone Nyakabiga ibarabara rya 14 muri karitiye Nyakabiga  ya 2 baraye biyakirije amatara kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23 ruheshi 2022. Bakaba babikoze mu buryo bwabo bwite, abandi bakaba bahambije abandi bokuyandi mabarabara bari bamaze kubikora. Ariko kandi ngo urugamba ruracabandanya.

Umukuru w’ibarabara rya 14 ariko arashikiriza ijambo

Hafi isaha imwe y’ijoro, hagati mw’ibarabara aho bari bubatse ihema, buzuye akanyamuneza, basangira akarahuri bongera bavuza impundu mu kwigina amatara bari bahejeje kwiyakiriza , Wari umunezero udasanzwe kubanyagihugu baba kw’ibarabara rya 14 muri nyakabiga ya 2. Ku mugoroba wo kuri uyu wa kane igenekerezo rya 23 ruheshi 2022 niho bariko barigina iyatswa ry’amatara  birondereye baraheza bakayamanika  kw’ibarabara ryabo.

Thierry Ndagijimana, umukuru w’ ibarabara rya 14 mu Nyakabiga ya 2 yarafashe ijambo ati :  « Ni akanyamuneza ntangere. Ni umunsi wo kwigina igikorwa co kwatsa amatara twakoreye igihe kirekire. Umwe wese arazi unguvu yakoresheje kugira tubishikeko. » 

Uwo mukuru w’ibarabara  arashimira cane umukuru wa  zone we yagize intambwe akaza akabegera akabasigurira umugambi kandi akabemeza ko ushoboka.  Ashimira kandi abenegihugu baba kw’ ibarabara rya 14  hamwe n’imvukira zaho ingene bitanze mu kurondera uburyo naho ngo  bitari vyoroshe bivanye n’ingene ibiciro vyaguma biduga. Asaba abantu bose kuyabungabunga kuko basanzwe bazi ingene yabagoye.

Kuba indongozi ni kuba umusuku wabo utwara

Gervais Ndihokubwayo amenyesha ko kugira ashike kuri uwo mugambi atakindi akoresha atari uguca bugufi no kuba umusuku w’abo arongoye. Arashimira cane ubwambere abenegihugu bo muri zone Nyakabiga kubera ari abantu  bumva akamo babateye nabo bakakitaba.: « Twebwe nk’abajejwe intwaro, turihano kugira tubakorere. Muri make jewe ndi umusuku wabo. Iyo baduteye akamo turanyaruka tugaheza tukabafasha ibikorwa bipfuza ko bija mungiro. » Kubijanye niryo barabara yongeyeko ati « Abenegihugu ubwabo baragiye hamwe barateranya uburyo bwabo hanyuma abandi baza buhira kuvyari bivuze. Rero turabashimira cane ku kuntu babikoranye ubwira n’ubukerebutsi.  » 

Umwe mu benegihugu bo kuri iryo barabara arashima kubona baragiye hamwe bakegeranya uburyo bwabo maze bakatsa ayo matara. Agira ati: « Iri terambere turyakiriye neza kuko ni twebwe nyene twaryirondereye.  Umukuru wa zone hamwe n’umukuru w ‘ibarabara  baraje barabitubwira ko twogura amatara kuko abasuma bari benshi, baturara ku mugono batwiba, barategera abantu bimwe bita catch, tukama dusanga abantu bapfuye . Eka vyari bibi cane. Kugira uwo mutekano uboneke baca batubwira ko tworondera amatara. Duca turiva inyuma mu bukene bwacu natwe turarondera iryo terambere kandi turanezerejwe cane  ko turaye twakije aya matara » .

Kwatsa amatara bituma hakomezwa umubano mwiza

Gerais ndihokubwayo , amenyesha kandi ko Kwatsa amatara bidatuma haboneka umutekano gusa mu kwirinda ubugizi bwa nabi, ahubwo ngo biratuma hakomezwa n’umubano mwiza.

« Ibi bituma abenegihugu bigira ico bahuriyeko bakayaga bakaba bamwe. Birafasha mu mutekano hamwe n’ikibano. Aya Matara yaratumye abenegihugu ba zone Nyakabiga begerana, basubira kunywana hakabaho urukundo n’ukugenderanira bahujwe n’aya matara.

Hambavu y’ivyo, Gervais Ndihokubwayo ahamagarira n’abandi bakiri inyuma ko boja hamwe zone yose igasigara ibona yose. Amenyesha ko  n’ibarabara avenue de l’imprimerie abenshi bita avenue de la mort rigiye gushikirwa mbere n’ivyirya vyerekana uburyo bizotwara biza vyaraheze. « Twipfuje ko tuzohera ruguru ahitwa kwa Bwanashamba hasanzwe atamihana ihari kandi hakaba hateye ubwoba mw’ijoro. Twipfuza ko abantu bose ari abavuye mu Gihosha, Mutanga sud, Kigobe canke Sororezo n’ahandi yokumva ko aje mu Nyakabiga aza afise umutekano ukwiye. Bizotuma kandi imigenderanire hagati ya zone nyakabiga n’ayandi ma karitiye iba myiza cane.

Umukuru wa zone Nyakabiga aha urupapuro rw’iteka ababa kw’ibarabara rya 14 muri Nyakabiga2

Uwo mukuru wa zone Nyakabiga akaba yaboneyeho akaryo ko guha urupapuro rw’iteka ababa kuri iryo barabara kuko berekanye ubutwari n’ubuhizi mu bikorwa vy’iterambere muri zone yose. Abandi ni abasanzwe bavuka ngaho canke abakunzi ba zone hamwe n’abandi bitanze cane kugira ibikorwa vyo kubonesha ibarabara biranguke. Bamwe mu baronkejwe izo mpapuro hakaba harimwo Zéphirin Maniratanga aserukira Uburundi mw’ishirahamwe mpuzamakungu ONU, Ndayiziga Emmanuel, n’abandi.

Twobibutsa ko iryo barabara rikaba rije rikurikira ayandi ma barabara yo muri iyo zone yari amaze gushirwako ayo matara nk’irya kane, irya 13, avenue de l’Unesco, n’ayandi.