Russie na Ukraine vyoba biriko birumvikanishwa n’ubumwe bw’Afrika

Macky SALL , yarabonanye n’umukuru w’igihugu c’Uburusiya, hari kuri uwu wa gatanu. Uwo  umukuru w’igihugu ca Sénégal akaba anarongoye umuryango w’ubumwe bwa Afrika, African Union . Inyuma y’umubonano bagiranye, yamenyesheje ko umukuru w’igihugu c’Uburusiya yemeye ko agiye kuraba uko ingano n’ifumbire y’ikizungu biva muri ico gihugu vyobandanya bishorwa muri Afrika.
Sall aranitezwe muri Ukraine, aho bitegekanijwe ko abonana n’umukuru w’ico gihugu.
Amakuru ava mu bamwegereye, avuga ko ariko aragerageza kwumvikanisha izo mpande zibiri.

Macky Sall ariko akora ico gikorwa inyuma yo kwumvikanisha abakuru b’ibihigu vy’u Rwanda na Repuburika iharanira intwaro Rusangi ya Kongo, Paul Kagame na Félix Antoine Tshisekedi . Ni inyuma y’ugushamirana hagati y’ivyo bihugu biturutse ku murwi M23

Perezida Macky Sall yatiriwe agashimwe “Prix Macky Sall” gatangwa n’ishirahamwe CIRID rifise icicaro gikuru i Bujumbura mu Burundi . Ako gashimwe kakaba gahabwa umuntu yigenjeje neza mu kugerageza guhuza canke gutorera umuti w’ingorane mu kwumvikanisha abari mu matati, nk’uko bishikirizwa na Déo Hakizimana, ariserukira imbere y’amategeko..