Ukwikekana hagati y’ababana mu rugo rw’umusirikare biri mu vyatumye uwo mwigisha aterwa gerenade. Uwo musirikare yikeka ko uwo mwigisha amuvanga, maze arondera kumwica. Bose bari mu minwe y’inyamiramabi.

Uwo yatewe gerenade ni umwigisha. Iyo gerenade yamukomerekeje ku kuguru kw’ibubamfu. Yategerewe atashe, mw’ijoro ry’uwu wa kane rishira uwa gatanu. Hari ku mutumba Rusange, zone komine Gisuru. Ni mu ntara ya Ruyigi.

Gisuru: umwigisha yaraye atewe gerenade imukomeretsa ku kuguru kw’ibubamfu. Uwayimuteye avuga ko yayihawe n’umusirikare. Yamutumye kwica uwo mwigisha kuko yoba afitaniye imigenderanire n’umugore wiwe. Abo babiri igipolisi kivuga ko bahagaritswe #Burundi #Abatwip https://t.co/SfsdIwKYJs

Uwamuteye gerenade yarahagaritswe. Imbere y’inyamiramabi, yasiguyeko gerenade yari yayihawe n’umusirikare , amuha misyo yo kwica uwo mugabo. Imvo, ngo ni ukwo agendana n’umugore wiwe.

Mu gipolisi baremeza ayo makuru, bakavuga ko dosye yaciye ikorwa vyihuta.