Bubanza: Abahutu barakoreshejwe gutanga benewabo hanyuma baricwa

Inyuma y’indwi zibiri umurwi CVR uriko urakorera mu ntara ya Bubanza mu ntumbero yo kumenya ukuri Ku vyabaye mu 1972. Ibisigarira vy’abishwe bagatabwa mu binogo rusangi 268 nivyo vyashoboye gutorwa mu binogo 9. Igitangaje muri iyo ntara, ni uko bamwe mu bahutu bakoresheje mu gutanga bagenzi babo bahavuye bicwa. Ico cegeranyo kikaba catanzwe kuri uyu wagatanu aho uwo mirwi waruramutse urangiza ivyo bikorwa wongera werekana ivyo waranguye.

Ibikorwa vyo kurondera ukuri kuvyabaye vyabandanije inyuma y’aho umurwi CVR wemereje ko habaye ihonyabwoko ry’Abahutu mu 1972 na 1973. Hari igenekerezo rya 20 Kigarama 2021 mu Kigobe.

Léa Nzigamasabo, umukomiseri wa CVR akaba arasigura icatumye bandanya:

1.Ivyabaye mu 1972, vyabereye mu gihugu cose, igikorwa co kwemeza ihonyabwoko kikaba cabaye intara zimwe zimwe batarazishikako.

  1. Amategeko agenga umurwi CVR avuga ko hategerezwa kwandika kahise ghuriweko na bose. Ako nako kakaba katokwandikwa mu gihe utashitse mu ntara zose ngo wibonere ivyabaye.
  2. Ayo mategeko kandi asaba ko aho bishoboka, ibisigarira vy’abatawe mu binogo rusangi bitegerezwa kuvanwayo, kandi bikerekwa abenegihugu. Ivyo ngo bituma bimara ibinziginzigi vy’ababuze ababo batigeze bamenya iyo ababo batawe.
  3. Mu murwi CVR basanze ababuze ababo basaba ko bokwumvirizwa cokimwe n’abandi kugira ivyo batoye bavyandike hama bibe icitegererezo ku bakomoka muri izo ntara nk’uko vyabaye ahandi.
  4. Ugushira ahabona ivyabaye birabohora benshi.
  5. Abarundi bamwe bamwe baracumuye kuri bene wabo bica biba akamizwe n’ingoma. Arico gituma abenshi bagumanye akangonongono, bigatuma hagize ikiba Abarundi baca batangura gusimbanirako.

None CVR yatoye iki i Bubanza?

Mu matohoza umurwi CVR wakoze, waramenye ko ubwicanyi bwakorwa n’abantu bo mu ntwaro na gisirikare. Harakoreshejwe abantu bari mw’ibohero rya Bubanza mu kwica abantu.
Aba JRR nabo bava mu bwoko bwose barakoreshejwe. Ariko igitangaje, biriko birarangira, Abo mu bwoko bw’abahutu baciye bicwa.
Abafatwa barabohwa, bagatererwa mu n’imodoka vya gisirikare, bakagenda barabacumagura ibibugita hama bakaza kubata mu binogo rusangi.
Ivyatowe ni bike kuvyabaye. Kubera iyo ntara yarigizwe na arrondissement 2 Bubanza na Cibitoke. Bamwe baravanwa i Bubanza bakaja kwicirwa mu Cibitoke canke abo mu Cibitoke bakazanwa i Bubanza. Abenshi baratawe mu nzuzi no kumisozi.

Mu bubisha bwibonekeje, nuko n’abanyeshure harimwo abo muri Kaminuza bishwe eka no mu ncabwenge zose z’Abahutu.

Ayo makuru CVR ngo yayaronse kubera intahe z’ababibonye bakuze muri bo ngo harimwo abapfakazi, impfuvyi, abacitse kw’icumu, ..
Hakaba humvirijwe abashika 60 bose barenza imyaka 60 nyene.

Ingaruka mbi ku ntara

Ubwo bwicanyi ngo bwaragize ingaruka mbi nk’uko Léa abandanya abivuga. Abana batari bake ntibasubiye guhurumbira amashure gutyo ubumenyi n’iterambere birasubira inyuma. Eka n’abadandaza ngo ntibasubiye kudandaza neza.

Mu ntara za Bubanza na Cibitoke (zari zigize Arondisema ya Bubanza muri iyo myaka), ku binogo 14 vyafuruwe, 9 ni vyo vyatowemwo ibisigarira vy’abagandaguwe. Ibisigarira vyashoboye gutorwa bikaba bigera Ku 268.

Intara za Bubanza, Cibitoke (mu buraruko bushira uburengero bw’Uburundi), Kayanza na Ngozi (uburaruko bw’Uburundi), ni zo zabandanijwe zikorwamwo amatohoza kw’ihonyabwoko ryakorewe Abahutu mu 1972 n’i 1973 inyuma y’uko ryemejwe mu mpera y’umwaka uheze.
Mw’itangazo yashize ahabona kuri uwu wa 11 ruhuhuma, Petero Claver Ndayocariye arongoye umurwi CVR akaba amenyeshako ivyo bikorwa bigiye kuzobandaniriza mu ntara za Cankuzo na Ruyigi (ubuseruko bw’Uburundi), hamwe na Rutana (ubumanuko bushira ubuseruko bw’Uburundi).