Ugufatana mu nda mu Burundi biracari kure

Muri parcem babona ko hacibonekeza indyane zifatiye ku bitari bike mu Burundi. Kubwa Faustin Ndikumana arirongoye, ngo Reta yofasha kugira ngo Abarundi bafatane mu nda.

Ugufatana mu nda ngo si ikirenga mu barundi. Bivugwa na Faustin Ndikumana arongoye ishirahamwe Parcem rijejwe gukaburira abarundi guhindura ingendo.
Ndikumana asigura ko hacibonekeza indyane zifatiye ku migambwe, ku ntara, ukutamenya gutandukanya amabanga ya polike hamwe n’amabanga y’ubuhinga ( poste politique et technique).

Kubw’ uwo arongoye Parcem, Uburundi bufise ibituma vyinshi bwofatana mu nda nko kuba ari igihugu cabayeho kuva kera, kitatunganijwe na ba kavamahanga ; kuba tuvuga ururimi rumwe; amasezerano ahuza abarundi; dusangiye incungu ( Rwagasore Louis na Ndadaye Melchior) ; ingendo y’ubushingantahe; umuco w’ubuntu n’ibindi.

Kubwa Ndikumana, ivyo vyose vyari bikwiye gutuma abarundi biyumvanamwo bagafatana mu nda kuruta uko bashira imbere ivy’intara, amoko canke imigambwe. Agira ati:”Imbere ya vyose, dukwiye ko duhuzwa n’uko turi abarundi, dusangiye Uburundi, kahise, kubu na kazoza.

Agasaba indongozi z’igihugu ngo zifashe abarundi kwikebuka bareke indyane riho bakorere iterambere bisunze uburorero bw’ibihugu nka Singapour n’izinga rya Maurice kuko ngo bifise uburinganire buto buto ariko bigafita umwimbu mwinshi.

Ivyo yabimenyesheje kuri uno wa gatanu mu kiganiro n’abamenyeshamakuru mu gihe hasigaye umusi umwe ngo hagere igenekerezo rya 5 ruhuhuma aho uburundi buhimbaza umusi Mukuru w’ubumwe bw’abarundi.