Inyuma y’ukwezi bari mu biganiro, abaserukira amasendika y’abigisha hamwe n’ubushikiranganji bw’indero baraye bumvikanye ko hagiye hagiye gutangwa inyigisho nkarishabwenge ku bigisha, hamwe n’abandi bajejwe amabanga atandukanye muri ubwo bushikiranganji. Imvo, ni ukwo icatumye ubumenyi bugabanuka mu mashure kitari ku bigisha gusa. Imbere y’aho, ikibazo kizokoreshwa. Ariko ntikizoba citwa ico gupima ubumenyi nk’ukwo vyatangajwe ubwa mbere. Impande zose zikaba zishima.
Abakozi bakuru bakuru bo mu bushikiranganji bw’indero, abayobozi b’indero mu ntara, mu makomine, abayobozi b’amashure, bagiye kuzokarihizwa ubwenge co kimwe n’abigisha bo mw’ishure nshingiro.
Ni ivyumvikanyweko binaterwako umukono n’umushikiranganji w’indero, uwurongoye urunani rw’amasendika y’abigisha COSESONA, imbere ya Sylvestre Ntibantunganya, arongoye umurwi CNDS (umugwi ujejwe ibiganiro mu Burundi).
Inyuma y’ukwezi bari mu biganiro, izo mpande zose zimenyesha ko basanze itituka ry’ubumenyi mu banyeshure ritava ku mwigisha ahubwo biva ku mvo nyinshi: ihindagurwa ry’intonde z’ivyigwa ku mwanya muto, ubukene bw’ibikoresho mfashanyigisho, ukwimura ikivunga abanyeshure batabikwiye, …
Inyigisho nkarishabwenge rero ngo zigiye kuzohabwa abegwa n’ikibazo c’indero ku ngazi zose.
Ikibazo kizokoreshwa abo bazohabwa izo nyigisho, ariko ngo si “ugupima ubumenyi” bwabo, ahubwo ni ukugira ngo haboneke ifatiro ryo gutegura ivyigwa bizotangwa (modules de formation) bizonafasha kandi guhinyanyura inyigisho muri ico gisata.
Vyose vyashikirijwe kuri uwu wa mbere. Impande zose zikaba zishima ivyumvikanyweko.