Kirundo: intambamyi zibuza umukenyezi kugira uruhara mu vyo ajejwe

Umukenyezi araboneka mu bibanza bitandukanye bigize ubuzima bw’igihu muri Kirundo Province. Vyashikirijwe kuri uwu wa gatatu, mu nama yo guhanahana ivyiyumviro hagati y’abakenyezi bo muri Nawe Nuze, abajejwe intwaro, abaserukira imigambwe hamwe n’amashirahamwe yigenga akorera mu ntara ya Kirundo.

N’aho biri ukwo, umuhanuzi wa buramatari w’intara ya Kirundo ajejwe intwaro n’imibano yemeza ko ibitigiri bikiri hasi. Bamwe muri abo bakenyezi basigura ko mu ntambamyi hari izibavako n’izita avako. Ng’ibi bimwe muri vyo:

  • ukudashigikirana hagati y’abakenyezi ubwabo: ni basigurako abakenyezi badashigikirana iyi hagize uwugomba kwitoza, haba mu mashirahamwe canke mu bindi bisata bisaba kwitoza.
  • kudatera intege abakenyezi bo ku mitumba: bamwe mu bakenyezi batowe ku mitumba baridogera bagenzi babo batorwa mu nama nshingamateka na nkenguzamateka ko baheruka babafasha kurondera amajwi, ariko bobo ntibaze kubafasha kwiyamamaza ku mitumba.
  • Kubura uburyo bukwiye: Gaudence Nshimirimana, ni umwe mu bakenyezi barongoye zone muri komine Busoni. Asigura ko umukenyezi atoroherezwa cane cane iyo ategerezwa gukoresha uburyo bw’amafaranga mu kurondera ivyo bibanza.

https://twitter.com/LaNovaBurundi/status/1450889496963305475?t=5AXLIetqwHIyqwgczBgkwA&s=19

Kirundo/Nord du Burundi

Umuhanuzi wa buramatari ajejwe imibano mu ntara ya Kirundo, arizeza ko ibitigiri bishobora kuzoduga mu myaka iri imbere. Afatira ku bakenyezi bagiye muri Nawe Nuze. Ubu, ngo biraboneka ko bariko barakerebuka cane. Asaba n’abagabo ko bomenya ko umukenyezi ateye imbere, umuryango uba uteye imbere.