Guteza imbere umukenyezi ni uguteza imbere igihugu

N’aho bagihura n’intambamyi nyinshi,  ngo  umukenyezi  ni ntangere mw’iterambere  ry’igihugu. Ivyo biri mu vyiyumviro vyaranze ihuriro ry’abakenyezi b’indongozi ryiswe Women Leaders and Liberty Forum 2022 ryateguwe na CDE (Ikigo kijejwe iterambere ry’amashirahamwe mu karere k’ibiyaga binini) ifadikanije nikigo c’igihugu kijejwe iterambere ADB. Rikaba ryabaye  kuri uyu wa gatanu  igenekerezo rya  25 Munyonyo mu nyubakwa za Royale Palace. Iryo hwaniro  rikaba ryari rifise intumbero yo kurabira hamwe ingene inzitizi zituma umukenyezi adatera imbere zovaho.

Abitavye iryo hwaniro

Ku ncuro yaryo ya gatatu, ihuriro Women Leaders and Liberty Forum 2022 ryahuje abakenyezi b’indongozi  mu bisata bitandukanye.  Ritewe iteka n’umuhuza w’abarundi  Aimee Laurentine Kanyana, abo bakenyezi  bari bafise ihangiro ryo hamwe ikibanza c’umukenyezi  w’indongozi mu guharanira agateka k’ abandi bakenyezi   mu bisata barimwo.

 Aimable Manirakiza arongoye CDE  amenyesha ko  iryo huriro ari akaryo keza  ku bakenyezi  ko kuganira kungene borwanya inzitizi zose zituma umukenyezi adatera imbere.  Manirakiza yongerako kandi ari akaryo ku bamaze kugira aho bishikanye mw’iterambere kugira ngo  bashingire intahe abandi bongere babatere intege  kugira nabo bashike kw’iterambere. Kubwa CDE  rero, ngo guteza imbere umukenyezi ni uguteza imbere igihugu.

Intambamyi  ziracariho

Didace Ngendakumana arongoye ikigo ADB ati  : Abakenyezi muri Afrika ndetse no mu Burundi  baraca hura n’intambamyi nyinshi zituma batagira umwidegemvyo mw’iterambere. Muri zo avuga izijanye n’imico, amategeko,  kubura ingwati zotuma baronswa ingurane mu mabanki, n’ibindi.  Ariko Kandi, uyo mu tegetsi aragwa akagaruka akemeza y’uko naho hari izo ngorane, umukenyezi  afise uruhara rudasanzwe mw’iterambere ry’igihugu ubona ko aribo ahanini hakora cane mu burimyi.

Ikiyago, Impanuro

Mu Kiganiro cambere  abakenyezi bane barasangije abandi ubuzima baciyemwo bongera bata nga impanuro. Marie Salome Ndabahariye arongoye ibanki y’abakenyezi BIDF yagize ati, nimba dushaka agateka k’abakenyezi, dutegerezwa kugaharanira. Ivyo navyo bica mu kurwanya intambanyi zitubuza ubwacu gutera imbere, turwanye ubwoba bwo kuko aribwo ntambamyi nyamukuru dufise.

Umushingamateka Jocky Chantal Nkurunziza nawe ati : ikintu cambere abakenyezi bakwiye kwirinda, ni uguhusha amahirwe yo kwiga . Abakenyezi ndabahamagarira kwiga cane bakongereza ubumenyi kuko no muri pilitike bakurondera kuko babona ufise ubumeny bukwiye.

Céline Bankumuhari nawe ati : Ushaka gutera imbere bisaba ko wiha ihangiro. Iryo hangiro naryo biragusaba kurikingira. Ikindi abasaba ni ukutarera amaboko ntibagaye akazi uko koba kaeze kose.

Aine Manirabarusha nawe asaba abakenyezi gushigikirana.  Abasaba ko kugira ngo bashike kuvyo bipfuza bategerezwa ubwambere kuganira bahuza n’abo bubakanye, hanyuma bagahuza n’ababanyi n’abagenzi. Ivyo bakora vyose bakabanza gushishoza.

Aimee Laurentine Kanyana aherutse gutorwa kuba Umuhuza w’abarundi  nawe yarahawe akanya, Ahejeje kubashingra intahe y’ubuzima yaciyemwo yagze ati:  “ Ikintu cambere mu buzima ni ukwicisha bugufi. Hanyuma ntimugaye akazi. Umukenyezi mwiza ategerezwa kuba uwuhuza abantu bose.

Kanyana asaba abakenyezi b’indongozi  kwirnda kugirango amnafaranga bamaze kuyaronka ntaze ababere igitsitaza kuko vyama vyashitse kenshi.

Mu mirwi itandukanye y’ibiganiro( panels), abakenyezi batari bake bakaba bararonse akanya ko kuganira no guhanahana ivyiyumviro ku bitari bike vyotuma batera intambwe iboneka mw’iterambere.