Maison du fermier yatoye ubuhinga bwo kumeza imivyaro y’inanasi

Haribonekeza indwara zisubiriza ku biterwa bitandukanye. Bituma mbere bimwe bimwe bihona. Muri Masion du Fermier bamaze kubibona, baciye bafata umwanya wo kugira ubushakashatsi kugira ngo izo ndwara zigabanuke. Igiterwa baherutse gushira ahabona ni inanasi . Wilbert Dusabe arongoye Maison du Fermier avuga ko vyabafashe umwanya, ariko agashima ko yashitse kw’ihangiro.

Ibimenyerewe mu gutera inanasi, ni ukuja mu wundi murima hagahanyurwa inanasi zameze ku ngundu imwe canke hagakoreshwa kirya gisigara iyo inanasi ihejeje kuribwa. Igishasha rero muri ibu buhinha ni ukumeza (germination) imivyaro y’inanasi (plantules) aho gukoresha izibatuwe mu wundi murima (rejets). Ni ubuhinga butari bumenyerewe.


Muri Maison du Femier bati : ” Tumaze kubona indwara mu biterwa bitērwá bikuwe mu yindi mirima nk’imyumbati aho hakoreshwa ibikotikoti (boutures) n’ibitoke ahakoreshwa imitsinda (rejets) muri Maison du Fermier twabaye turiga dukora ubushakashatsi kugira twitange indwara zotera igiterwa c’inanasi mu gutora ubuhinga bwo gukora imivyaro itavuye mu yindi mirima (plantules d’ananas)”, niko Wilbert Dusabe ayirongoye asigura.


Wilbert Dusabe avuga ko vyatwaye hagati y’imyaka itanu n’itandatu ari mu bushakashatsi kugira ngo ashike kuri iyo ntambwe.

Hari n’ibindi biterwa bimaze gukorwako ubushakashatsi muri Maison du Fermier

Inanasi kibaye igiterwa ca kane gitorewe ubwo buhinga butuma indwara z’ibiterwa zigabanuka. Ni inyuma y’igiterwa ca Pomme, Igitoke, hamwe n’imyumbati vyatorewe ubwo buhinga bwo kumeza (germination). Ivyo bikazofasha cane mu kugwanya indwara zitera ivyo biterwa hirya no hino.

Maison du Fermier ifise icicaro ku mutumba Kibogoye. Ni muri komine Giheta intara ya Gitega