Bashize imbere ubuhinga bwa none n’ukwitunganiriza imigambi mu guhangana n’ubushomeri

Mu gihe urwaruka rwinshi ruheza amashure ntiruronke ubuzi, ishirahamwe YOUTH FOR NEW VISION ryashimye gutanga inyigisho zerekeye ubuhinga ngurukanabumenyi hamwe n’ubwo kwitunganiriza imigambi kugira bunganire urwaruka rushaka kwibeshaho muri kino gihe.

Jean Adonis Nishimwe aserukira Youth for New vision asigura ko bahisemwo Ivyo bisata bibiri kuko muri kino gihe ubuzi bwinshi busaba kumenya gukoresha ubuhinga bwa none. Aho wewe avuga ko amashure menshi aramura urwaruka rudashobora gukoresha imashini nyabwonko maze kikaba ikibazo kuri benshi uyu musi.

Ku kijanye n’ukwitunganiriza imigambi, uwo aserukira Youth for New Vision asigura ko ubu hari amashirahamwe n’ibigo bishigikira imigambi y’urwaruka ariko iyitanditswe neza ntiyemerwa. Kubwiwe rero abona ko ubwo bumenyi buzofasha urwo rwaruka mu kwiteza imbere. Mwomenya ko babiri mu bakurikiranye inyigisho berekanye imigambi bateguye inyuma y’uguhabwa inyigisho.

Umugambi wa mbere: “Women Empowerment “, ugamije guteza imbere umukenyezi -mwirimizi biciye mu kworora ingurube itanga amafaranga, akanyama hamwe n’imfumbire.

Uwundi mugambi witwa “Akabanga” ukaba ugamije kwubahura abigeme ngo bamenye cane ibijanye n’isuku mu bihe vy’ubutinyanka kuko nk’uko bisigurwa na Jean Adonis, ngo basanze hari abigeme batwara inda batipfuza bitumwe no kubura amahera ngo bihutire udutambara nkenerwa mu bihe vyabo, bagasaba imisore ngo ibibagurire bikabaviramwo inda z’indaro.

Muri uwo mugambi rero bazobaronsa agatambara gashobora gukora umwaka wose ari kamwe. Kubwa Adonis ako kofasha mu kugabanya Ivyo kukagura buri kwezi vyongere bigabanye abatwara inda batipfuza.

Uwo aserukira urwo rwaruka arusaba ko ubumenyi baronse batobwicarika ahubwo batangure kubukoresha kugira barwanye ubukene.

Ivyo vyashikirijwe kuri uno wa 6, igenekerezo rya kane Ruheshi 2022 aho ishirahamwe Youth For New Vision ryariko riratanga impapuro ku rwaruka rwahejeje inyigisho i Bujumbura.