Ni igiki gituma abanyamitahe bo hanze batazana imitahe yabo mu Burundi ?

Abanyamitahe  bava hanze y’igihugu ngo baracari bake cane. Zimwe mu nzitizi zituma iyo mitahe mvamakungu (Investissements Directs Etrangers) itaboneka ngo ziva ahanini kukutamenya ivyiza biri mu gihugu. Ikigo kijejwe iterambere ry’Uburundi ADB (Agence pour le développement du Burundi) gifadikanije n’ubushikiranganji muvyo bujejjwe harimwo imigenderanire bakaba bipfuza gukora ibishoboka vyose ngo haboneke abanyamitahe mvamakungu benshi.

Mu ruganda rwatunganijwe  n’izo nzego zibiri kuri uyu wa kabiri igenekerezo rya 07 ruheshi 2022, ikigo kijejwe iterambere ry’Uburundi ADB , hamwe n’ubushikiranganji bw’imigenderanire bakaba biyemeje gukorera mu runani mu ntumbero yo gukwegakwega abanyamitahe bava hanze.

 Kubwa Didace Ngendakumana, umuyobozi mukuru w’ikigo ADB, avuga ko imitahe mvamakungu ifise uruhara runini mu guteza imbere igihugu. Ariko kandi ntahakana ko abanyamitahe bava hanze batarijukira kuzana imitahe yabo mu gihugu. Amenyesha bimwe mu bituma batazana iyo mitahe ari ukutamenya ivyiza biri mu gihugu.

Uwo murongozi w’ikigo ADB avuga ko uburundi bufise ivyiza vyinshi vyotuma abanyamitahe mvamakungu bayizana mu gihugu. Bimwe muri vyo ngo ni amahoro n’umutekano, amategeko mashasha yorohereza abanyamitahe kandi agatanga uburusho ( Code d’investissement). Yamenyesheje ko kandi uburundi bufise ibisata vyinshi atawuriko arabikoreramwo kandi ari amahirwe yo gushiramwo imitahe. Ivyo bisata navyo ni nk’’uburimyi, ubworozi, , ubukerarugendo, ibijanye n’amabuye y’agaciro, umuyagankuba, amahinguriro, ingenzi n’ibindi.

Ni ibiki bituma abanyamitahe bo hanze batazana imitahe yabo mu Burundi?

Abashikirije ivyirwa bitandukanye barerekanye igituma abanyamitahe mvamakungu bataza. Eusaie Ntidendereza  arongoye igisata co gukwegakwega abanyamitahe mu kigo ADB avuga ko Uburundi butazwi cane mu makungu. « Hari abo ubwira u burundi bakakubaza ko ari Brunei », Ibindi bituma ngo ni uko hari abarundi bari hanze bavuga nabi Uburundi bwabibarutse, Abanyamitahe baza bihinduye kandi ari abakomisiyoneri, ingorane zo kubura uburyo bukwiye kukigo ADB kugira kimenyekanishe ivyyiza vy’igihugu, ururimi narwo nyene ngo ni ntambamyi kuri bamwebamwe.

Hermenegilde Niyonzima, yaserukiye umushikiranganji w’imigenderanire n’ayandi makungu hamwe no gufashanya mu vy’iterambere yamenyesheje  ko bafadikanije na ADB bagiye gukora ibishoboka vyose basigurire amakungu ivyiza vy’Uburundi bongere babasabe  kuzana imitahe yabo kuko hari ibintu vyinshi vyo kuharangurira. Ivyo navyo bakazobikora baciye ku buserukizi bw’uburundi buri mu bihugu vyo hanze

Abenshi mu bitavye urwo ruganda bakaba bashimikiye mu buserukizi butandukanye hakwiye  gushirwaho abajejwe ivy’ubudandaji (attachés commerciaux) kandi bagahabwa uburyo bukwiye. Ibindi vyasabwe ni ukurwanya ibijanye n’ibiturire, hamwe no guha uburyo bukwiye sentare y’ubudandaji kugirango abazana imitahe yabo babe bazi ko ikingiwe bikwiye.

Bimwe muvyo biyemeje hakaba ari uko Ubushukirabanji bw’imgenderanire bugiye kwegera abarongoye inganda zo hanze bazereke akamaro ko kuza gukorera mu Burundi, Kwereka abarundi baba hanze ingene bokwerekana isura nziza y’Uburundi mu makungu,gutunganiriza hamwe n’ikigo ADB mu ntumbero yo gukwega abanyamitahe n’ibindi.

Ikigo ADB naco ciyemeje gutanga igitabu cerekana ahakeneye gushirwamwo imitahe ku ma ambassades yose n’ama consulats, Kwerekana imigambi mikuru mikuru yorangurwa bakayirungikira abaserukira Uburundi mu bindi bihugu kugira bayereke abanyamitahe, guha inyigisho abaserukira igihugu n’ abarundi baba hanze ku bijanye no gukwega abanyamitahe n’ibindi.