Kuva akiri muto, Alice Mukamarakiza ngo yari afise indoto zo kuzonyonga ivyuma. Inyuma yo guheza amashure, n’ubwo yarondeye ubundi buzi, ako yiyumvamwo gusumba akandi kwari ukwunguruza abantu n’imodokari. Ubu avuga ko indoto ziwe zo mu buto zashitse. Ahanura abandi bakenyezi kutagaya akazi, ahubwo bagire inguvu n’ubwo ikibano cobaca intege.
Alice Mukamarakiza, aba muri zone Kanyosha muri komine Muha. Ni mu gisagara ca Bujumbura, umugwa mukuru w’ubutunzi bw’Uburundi. Yunguruza abantu n’ibintu akoresheje imodokari yo mu bwoko bwa Taxis.
Avuga ko kuva mu buto, yabona abanyonga ivyuma nawe akabikunda, yabigumanye ku mutima, afise inyota yo kuzobikora. Amaze guheza amashure, nta kindi yakoze.
“Nararondeye hirya no hino ndabura akandi kazi nokora, nca nigira inama yo gushira mu ngiro umuhamagaro wanje, mu kunyonga imodokari“, ni ko asigura.
Mu ntango, ngo ntivyoroha namba
Alice Mukamarakiza arubatse, afise abana babiri. Asigura ko mu kibano abantu badatahura ko umwigeme canke umukenyezi yonyonga imodokari. Ariko, amaze kubirengako vyose, ngo yasanze ata kwumviriza abantu kuko bo bavuga ivyo bishakiye.
Ubu, avuga ko abo yunguruza bashima, bakamutera intege.
Ati “…benshi barambwira bati courage. Hari nabaryoherwa cane iyo batwawe n’umuntu w’igitsina gore“.
Burya ngo “akazi kica uwicaye“. Mukamarakiza ahanura abandi bakenyezi ” kudasuzugura ic’umuntu akora. Nibumve ko umukenyezi ashoboye gukora bimwe bimwe mu vyo umugabo akora mu kazi ka misi yose“.
Alice Mukamarakiza twamusanze aho akorera, ku gituro c’ama tagisi co mu Bwiza, kw’ibarabara ry’icenda. Ni muri komine Mukaza, mu gisagara ca Bujumbura.