Ni kubera iki urwaruka rutariko ruritaho igiterwa c’ikawa ?
Igiterwa c’ikawa kiri mu vyambere vyinjiza amafaranga y’agaciro mu gihugu. Mu gihe Reta ihamagarira urwaruka kwitunganiriza imigambi yobafasha kwiteza imbere mbere igateza imbere n’igihugu, igisata c’ikawa ni kimwe urwaruka rutariko rurahurumbira. Mu birori vyo guhimbaza umunsi mpuzamakungu wahariwe igiterwa c’ikawa wahimbarijwe i Muyinga kuri uyu wa gatanu igenekerezo rya 8 gitugutu 2021, abatari bake barashikirije ivyotuma ico gisata gisubira guhurumbirwa hamwe n’icotuma urwaruka rugihurumbira.
Nizigiye Nestor, ni umuhinga yatanze icigwa kuri uyo munsi. Yamenyesheje ko hejuru yo kuba igiterwa njabukamazi cinjiza amahera y’agaciro, ivyigwa bimaze gikorwa vyerekanye ko ikawa ari umuti. Ifise akamaro kanini mu mubiri w’umuntu kuko irimwo ingaburo zitandukanye umubiri ukenera nk’ivyunyunyu, amavitamine hamwe n’ingaburo zikiginga zikongera zikagabanya indwara zimwezimwe zikomeye nka cancer, ingwara y’igisukari na goûte n’izindi nyinshi, Abavuga ko itera umutima n’ibindi ngo ni abatazi ikawa ico ari co.
Nizigiye rero afatiye kuri ako mamaro, asaba abarimyi kubungabunga neza ikawa. Ku bwiwe abona ko uwuranduye ikawa yofatwa nk’umwansi w’Igihugu. N’ayo abakorera mu gisata c’ikawa kuva hasi gushika hejuru abasaba kwama baherekeza abarimyi ico yise Encadrement kugira umwimbu wiyongere.
Kubera iki urwaruka rutitaho ico gisata?
Muri ico kiyago, abarimyi baravuze ko urwaruka rutijukira ico gisata kubera ko amafaranga aza atevye nabo bashaka ibinyaruka. Emmanuel Niyungeko, umuyobozi w’ikigo c’igihugu kijejwe guteza imbere ikawa ODECA ahanura urwaruka ati “Inkwakuzi y’ubushushe yibagira ko n’ubuhoze buryoshe“.
Abandanya ati: “Ubwambere botahura ko kugira witeho giterwa c’ikawa ubanza kumenya akarusho n’ikibanza gifise mu buzima. Nivyo ikawa irateba kwama ariko iyo irinze yama, irasahiriza muri vyinshi kandi mu gihe ciza.”
Urwaruka tworusaba kudakunda kwihutira ibinyaruka, ahubwo bagire ukwihangana bashire inguvu mu bijanye no kurwiza umwimbu mu giterwa c’ikawa nk’uko abavyeyi babo na basokuru babo babitangiye imbere babikoze.
Intahe y’urwaruka
Nubwo biri uko, hari bamwe mu rwaruka batahuye akamaro k’ikawa. Thierry Irambona, arongoye koperative y’abarimyi b’ikawa bo muri komine Marangara mu ntara ya Ngozi avuga ati: “Kuva nkiri muto narabona ingene ikawa ihurumbirwa ikavamwo n’amahera menshi yafasha imiryango. Naciye nkura ndayikunda. Naripfuje kwiga igisata c’uburmyi biranka mbere no kuri kaminuza ntivyakunze. Ariko ako gatima karahagumye. Mpejeje kaminuza, mu 2018, niho negeranya urwaruka duca turegera abategetsi ba komine yacu ya Marangara nabo baradukundira. Narashoboye kwegera abantu bashikanka 30 kandi bose bize( intellectuels). Ariko ntitwashoboye gutangurana twese. Twatanguye turi 12 gusa.
Intumbero twari dufise, kwari ukwereka abenegihugu ko ikawa ifise akamaro kadasanzwe gusumba ibindi biterwa bariko barayiteramwo nk’ibiharage, imyumbati ubona ko basa n’abayihevye. Twiyunviriye kubanza kuyitera imbere yuko twubaka ihinguriro. Ubu aho tugeze turamaze kugura akarere kangana n’ihegitari umunani, turamaze guteramwo ibiti bishika ibihumbi cumi na bitanu. Turiko turubaka ihinguriro kandi iri muguhera, naho twagize ingorane isima igaca iduherana. Ubu tuvugana hari abakozi bashika bane tumaze kuronsa akazi. Aho isizeni itangurira dutegekanya kuzoha akazi abandi umunani bamaho hamwe n’abandi 30 bakora ku munsi ku munsi.
Kare twari tuzi mu mutwe ko ikawa kugira itangure kwama imara imyaka itanu n’imiburiburi, ariko tumaze gukurikiza impanuro z’abafundi b’indimo batubaye hafi , inyuma y’imyaka ibiri gusa tuziteye kw’ikawa zambere twateye 1500 muri 2019, muri uyu mwaka wa 2021 twakuyemwo ibiro birenga itoni mu myaka ibiri gusa. Twaciye dusanga bimwe twiyumvira atari vyo. Ikawa yama bivanye n’ingene wayifashe. ”
Ico nohamagarira urwaruka nkanje ni uko benshi bibaza ngo ntaburyo bafise. Kuko twebwe tugitangura, ntawarenza ibihumbi 20, 30, 50 yashiramwo, nkajewe nobabwirako kugira ndonke umutahe wogushiramwo nayakuye muri ka gafashanyo (bourse) naronka kuri kaminuza . Narondera umwana ancururiza amazi mu kamenge, nkaza kurondera kuyaryamwo nabanje kuyavyaza umusaruro. Aho niho nakuye umutahe wo kwinjira muri koperative.
Ni igiki Reta iriko irakora ngo iteze imbere igisata c’ikawa?
Emmanuel Niyungeko arongoye ODECA avuga ko inyuma y’umwaka Reta isubije ikirenge mu gisata c’ikawa, yashaka kugarukana umwizero mu bene gihugu. Uyu munsi abarimyi baratekanye kuko ivyari bibahanze nko kudahembwa kugihe igihe ico gisata carii mu minwa y’abikorera utwabo ubu ni umuziro, ivyo kugarukana amafaranga ku makawa yashowe hanze birakorwa ku gihe, ihangiro ryo kugwiza umwimbu biciye mu gushiraho ibipimo vyagutse iriko iratunganywa neza.
Niyungeko arafise akampo atera abarimyi hamwe n’urwaruka: “Kuri uyu munsi duhimbazaumunsi wahariwe ikawa, abarimyi basabwa kuba ba ryumeko mu guteza imbere giterwa c’ikawa. Urwaruka narwo rwofasha mu gushira inguvu hamwe bagafasha mu kurwiza umwimbu mu giterwa c’ikawa kugirango ikawa ntizizosazane n’abazitanguye, nyabuna tubandanye tuziteza imbere haba ubu no muri kazoza.”
Ico abarimyi basaba
Abarimyi b’ikawa basaba ko Reta yobandanya yitaho ico giterwa kuko igisata c’ikawa mu Burundi cagiye kirasubira inyuma cane kubera kubura abaherekeza abarimyi (encadreurs). Abo barimyi basaba kandi kudugirizwa igiciro kuko bafatiye ku bindi biterwa nk’ibiharage basanga basa n’abakora bahomba. Bakipfuza ko igiciro cokwongerwa gushika nko ku gihumbi ku kiro. Ikindi basaba ni uko bohabwa umwavu hakiri kare hamwe n’imiti yo gupompa.
Kubwauyo arongoye ODECA avuga ko ibikorwa bigiye kwihutirwa cane cane ku barimyi ari ugusasira ikawa. Mu minsi iza naho ngo bagiye kubarungikira imiti yo gupompa ingwara navya bifushi hamwe n’imyavu bagasabwa kubikoresha neza nk’uko bazovyerekwa n’abahinga.
Emmanuel Ndorimana, umunyamabanga ntayegayezwa mu bushikiranganji bujejwe uburimyi n’ubworozi avuga ko Reta yihaye ihangiro ryo kugarukira igiterwa c’ikawa kandi ko ataco itazokora ngo iteze imbere ico giterwa na rirya ubu ariyo itunganya ico gisata. Asaba abarimyi kubandanya babungabunga ikawa na rirya Reta yongereje igiciro, ikiro c’ikawa nziza kigurwa amafaranga 700 kandi ko arico giterwa ca mbere cinjiza amafaranga y’agaciro menshi mu gihugu.