Nyabiraba: umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD ku mutumba yatanze imihoho
Mbonimpa Juvénal, ni umunyamabanga w’umugambwe Cndd-Fdd ku mutumba #Raro. Ni muri Commune Nyabiraba mu ntara ya #Bujumbura . Yaraye atanze imihoho muri ayo mabanga. Imvo n’imvano yo gutanga imihoho muri ayo mabanga, ni ukutumvikana kuri hagati yiwe n’umunyamabanga w’umugambwe uri ku butegetsi muri komine Nyabiraba.
Mu rwandiko, Yuvinari yarungikiye umunyamabanga w’umugambwe ku rwego rw’intara ya Bujumbura, atanga imvo n’imvano yatumye afata ingingo yo kuba arakinjuye:
– Ica mbere asigura ko umunyamabanga w’umugambwe muri komine yamuhaye ico yita “impanuro mbi” mu kumubwira ko yogabanya akariro “mu gukorera umugambwe mu vya politike hamwe no mubikorwa vy’iterambere ku mutumba“,
2. Ica kabiri coba carababaje iyo ndongozi, ngo ni amajambo yakoreshejwe n’uwo munyamabanga muri komine, mu nama y’indongozi ku mitumba aho bamwe boba biswe
” ibirobezo“.
– Juvenal atomora ko mu nama bakoreshejwe, umunyamabanga w’umugambwe uri ku butegetsi muri komine Nyabiraba yabakariye cane, ababwira ko boreka “gukorera umugambwe kurusha abawutanguje kandi ko kizira gukunda umugambwe nk’amatongo ya ba Data “,
– Uwo munyamabanga w’umugambwe ku mutumba avuga ko babujijwe n’uwo arongoye CNDD-FDD ku rwego rwa komine gukora ibikorwa vy’iterambere rusangi cane cane “guca amabarabara“
– “Kudodoberezanya hamwe no kuremeka ibinyoma abagumyabanga batandukanye bigigwa n’umunyamabanga w’umugambwe muri komine Nyabiraba ubwiwe mu guca imice bamwe n’abandi ngo ntibavugane …”
– Yuvinari afise amakenga. Avuga ko inyuma yo gushikiriza ikete ryo gutanga imihoho, umunyamabanga w’umugambwe muri komine Nyabiraba “yaciye atumako inama yahuje ama Komite y’umugambwe n’intwaro muri komine yose aho yamenyesha ko kuberako natanze imihoho nocungwa nk’aba cnl“
…
Juvenal Mbonimpa asaba umunyamabanga w’umugambwe mu ntara, gushika ku rubuga muri komine Nyabiraba kugira ngo agarukire iyo komine.
Ntituratora umunyamabanga w’umugambwe uri ku butegetsi muri komine Nyabiraba kugira agire ico ashikirije. Umunyamabanga w’umugambwe CNDD-FDD mu ntara ya Bujumbura na we nyene, ntituramutora. Ariko, tubandanya tubarondera.