Sosumo: aba grossistes fatanywe isukari mu Rumonge bategerezwa gusubirizwa
Hari amatoni arenga atatu y’isukari yafashwe kuva mu mpera z’indwi iheze, mu gisagara ca Rumonge (ubumanuko bushira uburengero bw’Uburundi). Bamwe mu bafatanywe iyo sukari, yari inyegejwe, ni abayikura muri Sosumo (riyikora rikanayidandaza). Mu ntwaro mu ntara baremeza ayo makuru. Muri SOSUMO bagasaba ko icihutirwa ari isubirizwa ry’abo batashiianye isukari ku munyaguhugu.
Ishirahamwe rihingura rikanadandadaza isukari SOSUMO riranegura ingendo y’abadandaza bakuru bakuru (grossistes) bo muri Rumonge Province banyegeza isukari baba baronkejwe muri Sosumo.
Ivyo bishikirijwe mu gihe hari amatoni arenga atatu aheruka gufatwa n’intwaro n’igipolisi, yanyegejwe mu gisagara ca Rumonge.
Mu gihe mu bafatanywe iyo sukari harimwo abo ba grossistes, Fidelie Manirambona, umuyobozi ajejwe ivy’ubudandaji muri Sosumo amenyesha ko icihuta ari uko baca bakurwa ku ntonde z’abatora isukari muri sosumo. Kubwiwe “barahemutse, barataye ubwizigirwa“.
Asaba buramatari w’intara ya Rumonge kwihutira gutanga amazina y’abasubirira abo bafashwe.
Consolateur Nitunga, arongoye intara ya Rumonge aremeza ko abo ba grossistes bafatanywe isukari bazwi.
Amatoni arenga atatu y’isukari ni yo yafatiwe mu Rumonge ( http://bit.ly/3MetlSq ) . Mu ntwaro bavuga ko mu yafashwe harimwo iyari igenewe Commune Muhuta, co kimwe na komine Rumonge yanyurujwe itarashikanwa iyo igenewe. Iyo buramatari akavuga ko izoca itangwa muri ayo makomine, ariko ko iyindi izoca igurishwa ica munara, mafaranga aje mu kigega c’igihugu.
Iyo sukari yafashwe inyuma y’aho abanyagihugu bagaragarije amakenga ku bijanye n’itangwa ryayo, aho yabacako barorera batonze ku mirongo batazi iyo ijanywe, mu nyuma bakabwirwa ko iheze.