Bamwe mu bagendana ubumuga ntibamenye ko inoti zacitse ibipapuro

Abantu bagendana ubumuga bwo kutumva hamwe n’abagendana ubwo kutabona baragira ingorane mu buzima bwa misi yose ugasanga birababujije kugira ku murindi w’iterambere umwe nk’abandi kandi bari bafise imigambi canke intumbero nziza. Ni mugihe hagezweho iterambere ridakumira, nta mugwi n’umwe w’abantu urekuriwe gusigara inyuma mu migambi y’iterambere mu ntumbero yo gushika kw’ihangiro ry’igihugu cihaye ko Uburundi azoba ari igihugu cifashe mu 2040, igihugu giteye imbere mu 2060.

Nkuko tubishikirizwa na Léopold Manirambona agendana ubumuga bwo kutumva akongera akaba atazi kuvuga ( akoresha ururimi rw’ibimenyetso arirwo langue des signes), amenyesha ko abaragi nkawe bagize ingorane igihe inoti zahindurwa ntibamenye ko zabaye ibipapuro.

Léopold agira ati : ” Nubu hari abakwereka zirya noti zitemewe ngo ni amafaranga bafise kubera ingorane yo kutaronka amakuru aciye mu rurimi nabo bashobora gushikirwa”. Asaba reta ngo ibafashe nabo baronke uburyo bwo kumenyeshwa amakuru ntibibabuze iterambere .

Mu gisata c’indero naho, ivyigwa vyabo ngo biragorana kubera inyandiko yorohereza abafise ubumuga bwo kutabona itarwiriye muri vya bibanza vyo gufotorezamwo ivyigwa vy’abandi banyeshure ( secrétariat public ). Régis Bigirindavyi afise ubumuga bwo kutabona yiga muwa 3 mu gisata c’inyifato muri kaminuza y’uburundi ikigo co mu Kamenge amenyesha ko syllabus yiwe iboneka aruko ifotorewe i Gihanga mu ntara ya Bubanza canke i Gitega muri CND (aho bashobora gusohora écriture braille ). Muri ico gihe bisaba ko ayirihira kuri Memento kugira ngo imushikire. Avuga ko acerwa mu vyigwa vyiwe kubera i Bubanza na Gitega ari kure kandi binasaba uburyo.

Kubw’uwo agendana ubumuga bwo kutabona, uwo mugwi w’abantu nawo urafise ivyo ushoboye gukora kandi bikagirira akamaro igihugu ariho asaba indongozi mu gihugu ngo bafashe kugira nabo boroherezwe mu vyigwa.

Vyavugiwe mu birori vyo gutanga imenyeshabumenyi ku rwaruka 24 bakurikiranye inyigisho zo kwandika no gusoma ururimi rw’ibimenyetso ( langue des signes) n’inyandiko ya braille ku muhingamo w’uno wa 5 igenekerezo rya 7 Mukakaro 2023 n’ikigo Centre de Loisir Betsaleel .