Kizuka (Rumonge): ikibanza c’umwana ni mw’ishure
Hari umurindi udasanzwe wo guheba amashure mu ntara ya Rumonge. Inyuma y’inama ya bose yakoreshejwe na Buramatari w’iyo ntara, abarongoye imitumba barakoranije ab
Abana bazofatwa bariko bayebayeba mw’isoko, mu mazu yerekana amareresi, ku kivuko c’uburovyi, … mu misi y’ishure, bazoca bafatwa bashigwe ahantu. Hazoca haronderwa abavyeyi babo ,n’abarongoye inzu cumi kuri uwo mutumba Kizuka, uri muri komine n’intara ya #Rumonge.
Uwo bigaragayeko umwana yavuye mw’ishure, umuvyeyi azoca ahabwa igihano camaboko kizomara amasaha atandatu, ace ava aho yiyemeje ko uwo mwana amuzindukana kw’ishure.
Iyo ngingo iraba abana bo mu mashure matomato.
Abo mu mashure Nshingiro n’inyuma y’ishure nshingiro ( Fondamentale na post Fondamentale ) ntibibagiwe.
Uwozofatwa yarataye amashure kubera ububegito bwiwe azopfungwa imisi ibiri, aze arazindukanwa ku mashure afise udukorwa tw’amaboko ku musi ugira gatatu azoca asubizwa kw’ishure yahora yigako.
Ubwato buzofatwa ba nyene bwo bahaye akazi umwana yataye ishure, canke inzu yerekana amareresi izofatirwamwo abana bizomara indwi bidakora.
Izo ngingo zafashwe mu nama y’abavuka kuri uwo mutumba wa Kizuka baravye umurindi wo guheba amashure. Hari mu mpera z’indwi iheze.
Mu mwaka w’ishure uheze abagera ku 12 124 ni bo bahevye ishure mu ntara ya Rumonge. Kuva uwu mwaka utanguye, mwaka utanguye naho umwaka w’ishure utanguye, abana 283 ku mashure atandatu yo ku mutumba Kizuka.